Yakobo 2 - Bibiliya mu Kirundi corosheKwirinda kurobanura ku butoni 1 Bene Data, abizera Umwami wacu w’ubwiza Yesu Kristo, ntibarobanura ku butoni. 2 Nk’akarorero hinjiye umuntu mw’ikoraniro ryanyu yambaye impeta y’inzahabu n’impuzu nziza, hakinjira n’uwundi yambaye impuzu zishize. 3 Iyo mwitayeho cane wa wundi yambaye neza mukamubwira muti: “Ehe ng’iki ikibanza ciza canyu,” ariko mukabwira wa mukene muti: “Wewe hagarara harya” canke muti: “Icara hasi i ruhande y’ibirenge vyanje,” 4 mbega ntimuba mwiciyemwo ibice hagati yanyu kandi mugaca imanza mufise intumbero mbi? 5 Umviriza bene Data nkunda. Mbega Imana ntiyatoranije abitwa abakene muvy’iyi si ngo babe abatunzi mu vyo kwizera no kuzoragwa Ubwami yasezeraniye abayikunda? 6 Ariko mwebwe mutetereza umukene! Mbega si abatunzi babacuranguza bongera babashengeza mu bucamanza? 7 Mbega si bo bacokora rya zina ryiza mwitirirwa? 8 Mugira neza, nimwaba vy’ukuri mukizigamye ca cagezwe kiri mu Vyanditswe kivuga ngo: “Ukunde mugenzawe nk’uko wikunda.” 9 Ariko, nimwaba mukirobanura abantu ku butoni, muzoba mucumuye kandi mutsinzwe n’urubanza rw’uko murenga ku vyagezwe. 10 Kuko uwitondera ivyagezwe vyose ariko agatsitara kuri kimwe acirirwa urubanza nk’uwabicumuyeko vyose. 11 Kuko Imana yavuze ngo: “Ntugasambane” ni na yo yavuze ngo: “Ntukice.” Rero naho utosambana ariko ukica, uzoba warenze ku vyagezwe. 12 Mu mvugo no mu ngiro, mukore nk’abazocirwa urubanza n’ivyagezwe bitanga umwidegemvyo, 13 Kuko Imana mu guca imanza, abatazogirirwa imbabazi ni abanse kuzigirira abandi. Ariko abagira imbabazi bazozigirirwa, kuko imbabazi zirengeye urubanza! Ukwizera n’ibikorwa 14 Mbega vyomara iki ga bene Data, nimba umuntu avuga ko afise ukwizera ariko ntakwerekanishe ibikorwa? Mbega ukwizera ben’ukwo kwoshobora kumukiza? 15 Dufatire akarorero ku muvukanyi umwe atagira ico yambara canke ico afungura. 16 Hamwe umwe wo muri mwebwe yomubwira ati: “Niwigire amahoro, wambare neza kandi ufungure,” ariko ntagire ico akora kuri ubwo bukene bw’uwo muntu, yoba amufashije iki? 17 Ni ko bimeze, n’ukwizera kwonyene kudaherekejwe n’ibikorwa, kuba gupfuye. 18 Ariko hariho uwoshobora kuvuga ati: “Bamwe bafise ukwizera, abandi na bo bafise ibikorwa.” Ariko, jewe nanje nomubaza nti: “Ni gute ushobora kunyereka ukwizera kwawe kandi ata bikorwa? Jewe nokwereka ukwizera kwanje mu kukwereka ibikorwa vyiza.” 19 Uvuga ko ufise ukwizera kuko wizera ko hari Imana imwe. Ivyo ni vyiza! Ariko n’abadayimoni ivyo baravyizera, mbere bakanajugumira kubera gutinya. 20 Mbega imburabwenge! Ukeneye ikikwemeza ko ukwizera kutagira ibikorwa ata co kumaze? 21 Mbega sogokuruza wacu Aburahamu ntiyiswe umugororotsi kubera ivyo yakoze, mu kwemera gutanga Isaka nk’ikimazi ku gicaniro? 22 Urabona rero ko ukwizera kwiwe n’ibikorwa vyiwe vyose vyakoreye hamwe, ukwizera kwiwe kukuzuzwa n’ibikorwa yakoze. 23 Hanyuma Ivyanditswe bivuga ngo: “Aburahamu yizeye Imana bituma imwemera nk’umugororotsi,” birashitswa mbere aca yitwa umukunzi w’Imana. 24 Urabona rero ko umuntu yemerwa ko agororotse kubera ibikorwa biherekeza ukwizera ariko atari ukwizera kwonyene. 25 Kandi muri iyo ntumbero nyene, mbega Rahabu maraya ntiyemewe nk’uwugororotse bivuye ku vyo yakoze igihe yaha indaro ba batasi kandi akabarungika abacishije mu yindi nzira? 26 Nk’uko umubiri utagira impwemu uba upfuye ni ko n’ukwizera kudaherekejwe n’ibikorwa kuba gupfuye. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.