Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Matayo 10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Yesu atuma abigishwa cumi na babiri

1 Yesu ahamagara abigishwa biwe cumi na babiri abaha ububasha bwo kwirukana impwemu zihumanye no gukiza ubumuga bwose n’ingwara zose.

2 Aya ni yo mazina y’abigishwa biwe cumi na babiri: uwa mbere ni Simoni, yongera akitwa Petero, hamwe na mwene nyina Andereya, hagakurikira Yakobo mwene Zebedayo, na mwene nyina Yohana;

3 hanyuma hakaza Filipo na Baruteremi; hagasubira Toma na Matayo umutozakori; Yakobo mwene Alufayo, na Tadeyo;

4 Simoni Umuzelote, na Yuda Isikariyote umwe yamugurisha.

5 Abo cumi na babiri Yesu arabarungika, ababwiye ati: “Ntimuje mu Banyamahanga canke ngo mwinjire mu bisagara vy’i Samariya.

6 Ariko, mugende mu ntama zazimiye za Isirayeli.

7 Mugende muravuga ubu butumwa muti: ‘Ubwami bw’ijuru buri hafi.’

8 Mukize abarwaye, muzure abapfuye, muhumanure abarwaye imibembe, mwirukane abadayimoni. Ivyo mubiherewe ubuntu, namwe mubitangire ubundi.

9 Ntimwitwaze inzahabu canke ifeza mu mifuko yanyu.

10 Ntimwiremereze amasakoshi y’impuzu canke ibirato vyo gukuranya; mbere ntimwitwaze n’inkoni yo kwishimikiza. Kandi, ntimwanke guhabwa indaro, kuko umukozi wese aberwa n’impembo.

11 Igisagara cose canke imihana muzokwinjiramwo, muze murondere uwemera kubakira hanyuma muze mugume mu nzu iwe.

12 Nimwinjira muri iyo nzu, muze muyiramutse muyihezagira.

13 Niyaba ibikwiye, umuhezagiro wanyu uze ube kuri yo; niyaba itabikwiye, umuhezagiro wanyu uzogumana namwe.

14 Aho bazokwanka kubakira no kwumviriza amajambo muvuga, muze mukunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu, maze muve muri iyo nzu canke muri ico gisagara.

15 Ndababwire ukuri: ku musi w’imanza, ibihugu vya Sodomu na Gomora bizogira agahengekerezo kurusha ico gisagara.

16 Ndabarungitse nk’intama mu bikoko vy’inkazi. None rero, mwiyubare nk’inzoka kandi mwitonde nk’inuma.

17 Mumenye neza ko bazobashengeza imbere y’ubucamanza kandi ko bazobakubitira mu masinagogi.

18 Muzohagarara imbere y’abatware n’abami muzira kuba abigishwa banje, kugira ngo munshingire intahe imbere yabo n’imbere y’Abanyamahanga.

19 Nibabafata, ntimuze muhagarikwe imitima n’ivyo muzovuga n’uburyo muzobivuga. Ako kanya nyene, muzohabwa ivyo mukwiye kuvuga,

20 kuko mutazovuga ivyo mwigeneye, ariko muzovuga ivyo muhawe na Mpwemu wa So azoba abavugiramwo.

21 Umuntu azotanga uwo bavukana ngo bamwice, n’umuvyeyi agirire umwana wiwe uko. Abana bazogarariza abavyeyi babo banabicishe.

22 Muzokwankwa n’abantu bose babampora. Ariko uwuzokwihangana gushitsa kw’iherezo azokira.

23 Nibabahama mu gisagara kimwe, muze muhungire mu kindi. Ndababwira ukuri ko mutazoheza kugendagenda mu bisagara vyose vya Isirayeli Umwana w’Umuntu ataraza.

24 Umwigishwa ntaruta umwigisha, n’umukozi ntaruta shebuja.

25 Umwigishwa akwiye kugera ku rugezo rw’umwigisha wiwe, kandi umukozi akwiye kugera ku rugezo rwa shebuja. Nimba umukuru w’inzu bamwise Beyelizebuli, mbega abo mu nzu yiwe ntibazorushiriza kubita gutyo!

26 Nuko rero, ntimubatinye, kuko ata cagizwe ibanga kitazomenyekana kandi ata canyegejwe kitazonyegururwa.

27 Ivyo ndababwirira ahatabona, mubivugire ahabona; ivyo ndabongorera mu matwi, mubivugire hejuru ku mazu.

28 Ntimugatinye abashobora kwica umubiri ariko badashobora kwica ubugingo. Ahubwo, mutinye Imana, yo ishobora guhonya ubugingo n’umubiri, ikabita muri Gehinomu.

29 Mbega utunyoni tubiri ntitugurwa hafi ubusa bw’amahera? Ariko nta na kamwe muri two gakorokera hasi So wo mw’ijuru atavyemeye.

30 Mbere n’imishatsi yo ku mitwe yanyu yaraharuwe yose.

31 Mweho rero, ntimugire ubwoba; kuko musumvya agaciro utunyoni twinshi.

32 Umuntu wese azonyemanga imbere y’abantu, nanje nzomwemanga imbere ya Data wo mw’ijuru.

33 Ariko umuntu wese azonyihakana imbere y’abantu, nanje nzomwihakana imbere ya Data wo mw’ijuru.

34 Ntimwiyumvire ko naje nzanye amahoro kw’isi! Haba na mba! Sinazanye amahoro, ahubwo nazanye intambara;

35 kuko naje gutuma ‘umuhungu agwanya se, umukobwa agwanya nyina, umukazana agwanya inabukwe.

36 Abansi b’umuntu bazoba abo mu rugo iwe.’

37 Umuntu wese akunda se canke nyina akabandutisha ntankwiriye; uwukunda umuhungu wiwe canke umukobwa wiwe akamundutisha uwo na we nyene ntankwiriye.

38 Umuntu wese atikorera umusaraba wiwe ngo ankurikire ntankwiriye.

39 Umuntu wese agerageza kwironkera ubuzima azobubura, ariko uwubutanga ku bwanje azoburokora.

40 Umuntu wese abakiriye aba anyakiriye, kandi unyakiriye azoba yakiriye uwantumye.

41 Umuntu wese yakiriye umuvugishwa kuko ari umuvugishwa w’Imana, azohabwa ingero ihwanye n’iy’umuvugishwa. Kandi umuntu azokwakira umugororotsi w’Imana kuko agororotse, azohabwa ingero nk’iy’umugororotsi.

42 Nihagira umuntu aha umuntu mutoya mu bigishwa banje igikombe c’amazi apfutse kuko ari umwigishwa wanje, ndababwije ukuri ko atazobura kubihererwa impera.”

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ