Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Mariko 13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Ibimenyetso vy’ukugaruka kwa Yesu

1 Yesu ariko arasohoka ava mu rusengero, umwe mu bigishwa biwe aramubwira ati: “Mwigisha, ehe raba ingene izi nyubakwa n’amabuye azubatse biteye igomwe!”

2 Yesu arishura ati: “Murabona izi nyubakwa zihambaye? Nta buye na rimwe rizosigara rigeretse ku rindi; yose azosamburirwa hasi.”

3 Hanyuma Yesu yicaye ku Musozi wa Elayono aharabana n’urusengero, Petero, Yakobo, Yohana na Andereya baramubaza biherereye bati:

4 “Tubwire, ivyo bizoshika ryari, kandi ni ikihe kimenyetso kizokwerekana ko bigiye gushika?”

5 Yesu atangura kubabwira ati: “Mwiyubare ntihagire umuntu abazimiza,

6 kuko benshi bazoza mw’izina ryanje, bavuga bati: ‘Ni jewe Kristo!’ kandi bazozimiza benshi.

7 Nimwumva intambara n’inkuru zivuga ivy’intambara hirya no hino, ntimuze muhagarike imitima. Ivyo bitegerezwa gushika, ariko iherezo rya vyose ntirizoba rirashika.

8 Ihanga rizotera irindi hanga, ubwami butere ubundi bwami. Ahantu henshi kw’isi hazoba nyamugigima n’amapfa. Ariko ivyo bizoba ari nk’intango y’ibise.

9 Mube maso! Bazobafata babajane imbere y’ubucamanza, kandi bazobakubitira mu masinagogi. Muzohagarara imbere y’abatware n’abami muzira kuba abigishwa banje, kugira ngo mushingire intahe imbere yabo.

10 Kuko Ubutumwa Bwiza butegerezwa kubanza kuvugwa mu mahanga yose.

11 Nibabafata bakabashengeza, ntimuze muhagarikwe imitima n’ivyo muzovuga. Muze muvuge ico muzohabwa ako kanya, kuko mutazovuga ivyo mwigeneye, ariko muzovuga ivyo muhawe na Mpwemu Yera.

12 Umuntu azotanga uwo bavukana ngo bamwice, n’umuvyeyi agirire umwana wiwe uko. Abana bazogarariza abavyeyi babo banabicishe.

13 Abantu bose bazobanka babahora izina ryanje. Ariko uwuzokwihangana gushitsa kw’iherezo azokira.

14 Nimwabona ca ‘kizira gihumanya’ gihagaze aho kidakwiye guhagarara (uwusoma niyiyubare), abazoba bari i Yudaya baze bahungire ku misozi.

15 Uwuzoba ari hejuru ku nzu, ntazosubire mu nzu kurondera ivyo ahungana.

16 Uwuzoba ari mu murima ntaze asubire i muhira gutora umutamana.

17 Mbega ukuntu iyo minsi izoba ari iy’umubabaro utagira ingene wovugwa ku bagore bibungenze n’abazoba bonsa!

18 Musenge kugira ngo ntibize bishike mu gihe c’imbeho nyinshi cane,

19 azoba ari imisi y’umubabaro n’agahinda bitigeze kubaho kuva Imana irema isi kugeza ubu, kandi bitazosubira kubaho.

20 Iyo Umwami Imana atagabanya iyo misi, nta muntu n’umwe yorokotse. Ariko kubera abatoranijwe, iyo misi yarayigabanije.

21 Muri ico gihe nihagira umuntu ababwira ati: ‘Ehe Kristo ari hano!’ canke ngo, ‘Ehe ng’uriya!’ ntimuze muvyemere.

22 Kuko abiyita Kristo n’abavugishwa b’ibinyoma bazoza ari benshi, bakore ibimenyetso n’ibitangaza kugira ngo bishobotse bazimize n’abatoranijwe.

23 Nuko mube maso, kuko ndabibabwiye imbere y’uko bishika.

24 Muri iyo misi, inyuma y’ayo makuba, ‘izuba rizocura umwijima, n’ukwezi ntikuzosubira kubonesha,

25 inyenyeri zizokoragurika ziva kw’ijuru, kandi n’ivy’inkomezi biri mu kirere bizonyiganyizwa.’

26 Ni ho abantu bazobona Umwana w’Umuntu aserutse mu bicu afise ubushobozi n’ubwiza bihambaye.

27 Azotuma abamarayika biwe bakoranye abatoranijwe na we babakuye ku mpera zine z’isi, kuva aho itangurira gushika aho amajuru aherera.

28 Nimwigire ku giti c’umusukoni: iyo amashami yaco atanguye kworoha, amababi agatangura gututuza, muca mumenya ko agatasi kari hafi.

29 Nimwabona ivyo vyose, muzoce mumenya neza ko ukugaruka kwiwe kuri hafi, ko ageze kw’irembo.

30 Ndababwire ukuri, abo muri runo runganwe ntibazopfa bose ivyo vyose bitarashika.

31 Ijuru n’isi bizokurwaho, ariko amajambo yanje ntazokwigera akurwaho.


Nta n’umwe azi umusi n’isaha

32 Ariko ku bijanye n’umusi canke isaha, baba abamarayika bo mw’ijuru, canke Umwana ubwiwe, nta n’umwe abizi uretse Data wenyene.

33 Nuko rero mwame mugavye, muterame, kuko mutazi aho ico gihe kizoshikira.

34 Ukuza kw’Umwana w’Umuntu kugereranywa n’urugendo umuntu yateguye. Agira ave i muhira, yabwiye abakozi biwe bose ivyo bategerezwa gusigara barakora, hanyuma abwira umuteramyi kuba maso.

35 None rero mube maso kuko mutazi igihe nyene inzu azogarukirako; hashobora kuba ku mugoroba, mu gicugu, mw’ijoro rishira ubuca canke kare mu gitondo.

36 Niyaza giturumbuka, ntaze asange musinziriye.

37 Ibi ndabibwiye mwebwe, ndabibwira n’abandi bose: ‘Nimube maso!’ ”

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ