Luka 8 - Bibiliya mu Kirundi corosheUmugani w’umubivyi 1 Inyuma y’ivyo, Yesu agendagenda mu bisagara no mu mihana, avuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami bw’Imana. Bamwe cumi na babiri bari kumwe na we, 2 hamwe n’abagore bakize impwemu mbi n’izindi ngwara, ari bo Mariya Magadalena yirukanywemwo abadayimoni indwi, 3 Yowana muka Kuza umunyabigega wa Herode, Suzana hamwe n’abandi benshi. Abo bagore bashigikira Yesu n’abigishwa biwe bakoresheje uburyo bwabo. 4 Umusi umwe, abantu isinzi bakorana bavuye mu bisagara bitandukanye, maze Yesu abacira uwu mugani ati: 5 “Habaye umurimyi yagiye kubiba imbuto ziwe. Ariko arabiba, zimwe zigwa i ruhande y’inzira, abantu barazihonyanga, inyoni zo mu kirere na zo zirazinobagura. 6 Izindi zigwa ku rutare; zimeze zica ziruma kuko hatari habomvye. 7 Izindi na zo zaguye mu mahwa; zimeze zikurana na yo, aca arazinyoha. 8 Ariko hari izaguye mw’ivu ryiza, zirakura kandi zirama, zimbuka incuro ijana.” Ahejeje kubacira uwo mugani, yongerako ati: “Uwufise amatwi yo kwumva niyumve.” 9 Abigishwa biwe baca bamubaza insiguro y’uwo mugani. 10 Na we ababwira ati: “Ni mwebwe mwahawe kumenya amabanga y’ivy’Ubwami bw’Imana. Ariko ku bandi nkoresha imigani kugira ngo, ‘naho boraba ntibabone, kandi naho bokwumviriza ntibatahure.’ 11 Iyi ni yo nsiguro y’uwu mugani: imbuto ni ijambo ry’Imana. 12 Abantu bamwe bameze nk’isi y’i ruhande y’inzira. Iyo abo bantu bumvise ijambo ry’Imana, Satani araza akarikura mu mitima yabo kugira ngo ntibizere ngo bakizwe. 13 Hari abandi bantu bameze nk’isi yo ku rutare. Abo na bo iyo bumvise ijambo ry’Imana, baryakirana umunezero, ariko kubera ritagira imizi muri bo, bizera akanya gato. Hagize ibibagerageza, baca bata ukwizera. 14 Hari n’abameze nk’isi yamezeko amahwa. Abo na bo bagiheza kwumva ijambo ry’Imana, imyitwarariko y’ivy’ubu buzima, ubutunzi n’ibihimbaro vy’iyi si biraza bikanyoha icatewe muri bo, hanyuma bikababuza gukura mu vy’impwemu. 15 Ariko hari n’abandi bameze nk’ivu ryiza. Abo ni abakirana ijambo ry’Imana umutima mwiza utagira uburyarya, kandi bakarigumya; maze kubera ukwihangana, bakama ivyamwa vyinshi. Umugani w’itara 16 Nta wudomeka itara hanyuma ngo aryubikeko igiseke canke ngo arinyegeze musi y’uburiri. Ahubwo aritereka ku giterekwako itara kugira ngo riboneshereze abinjira mu nzu. 17 Kuko ata canyegejwe kitazonyegururwa, kandi ata cagizwe ibanga kitazomenyekana. 18 Nuko rero mwiyubare ku vyo mwumva. Uwufise vyinshi azokwongererezwa, uwufise bike na we azokwakwa n’ivyo yibaza ko afise.” Nyina wa Yesu na bene nyina 19 Nyina wa Yesu na bene nyina baje kumuraba babura aho baca ngo bamushikire kuko hari abantu benshi cane. 20 Umuntu umwe aca amubwira ati: “Nyoko na bene nyoko bahagaze hanze, bariko barakurondera.” 21 Yesu amwishura ati: “Mama na bene mama ni abo bumva ijambo ry’Imana bakaryumvira.” Yesu ahagarika imipfunda 22 Umusi umwe Yesu yabariye abigishwa biwe ati: “Tujabuke tuje hakurya y’ikiyaga.” Nuko batambukira mu bwato, bafata urugendo. 23 Bakiriko barasoza, Yesu arasinzira. Haca haduka umuyaga mwinshi mu kiyaga, maze ubwato butangura kwuzura amazi; bari bageramiwe cane. 24 Abigishwa baca baja kumuvyura bavuga bati: “Mwigisha, mwigisha, turapfuye!” Nuko aravyuka akankamira uwo muyaga n’imipfunda, igihuhusi kirahagarara, ubwo nyene haba agahwekere! 25 Yesu aca abaza ba bigishwa ati: “Ukwizera kwanyu kuri he?” Maze baratangara, bagira n’ubwoba bwinshi, batangura kubazanya bati: “Mbega uwu ni umuntu ki? Ategeka umuyaga n’amazi kandi bikamwumvira!” Yesu akiza umugabo yaboshwe n’abadayimoni 26 Nuko barasoza bashika mu ntara ya Gerasene, hakurya y’ikiyaga harabana n’i Galilaya. 27 Yesu atambukiye ku nkengera y’ikiyaga, asanganirwa n’umugabo yarimwo abadayimoni, aje ava mu gisagara citwa Gerasa. Yari amaze igihe kirekire atambara impuzu canke ngo abe mu nzu; yaba mw’itongo ry’abapfuye. 28 Abonye Yesu, aca akoma induru, yikubita ku birenge vyiwe, asemerera n’ijwi rirenga ati: “Undonderako iki ga Yesu, Mwana w’Imana Musumbavyose? Ndakwinginze ntuntoteze!” 29 Ivyo yabivuze kuko Yesu yari yategetse iyo mpwemu mbi kumuvamwo. Kenshi iyo mpwemu mbi imufashe, naho bamubohesha iminyororo n’ivyuma amaguru n’amaboko kugira ngo agume hamwe, yarayicagagura, ya mpwemu mbi ikamutwara kuyerera mu gahinga. 30 Yesu aramubaza ati: “Witwa nde?” Na we arishura ati: “Nitwa Gitero,” kuko yarimwo abadayimoni benshi. 31 Ba badayimoni binginga Yesu ngo ntabarungike i kuzimu. 32 Hafi y’aho hari umukuku w’ingurube nyinshi zari ziragiwe ku musozi. Abo badayimoni binginga Yesu ngo abarungike muri izo ngurube, maze arabemerera. 33 Nuko ba badayimoni bava muri wa muntu, binjira muri za ngurube, na zo ziriruka zimanuka, zisuka mu kiyaga zicwa n’amazi. 34 Abari baragiye izo ngurube babibonye baca bariruka, baja kubivuga mu gisagara no mu mihana. 35 Maze abantu bava mu gisagara baza kuraba ivyabaye. Bashitse aho Yesu ari, babona wa muntu yakize abadayimoni, yicaye imbere ya Yesu, yambaye kandi afise ubwenge bukwiye, na bo bagira ubwoba. 36 Ababonye uko vyagenze baca babiganira ingene uwo muntu yari aboshwe n’abadayimoni yakize. 37 Nuko abantu bose bo mu ntara ya Gerasene baca binginga Yesu ngo abavireho, kuko bari bagize ubwoba bwinshi. Yesu aca yurira ubwato arigira. 38 Wa mugabo yakize abadayimoni yinginga Yesu ngo bajane, ariko Yesu aramwankira, amubwira ati: 39 “Subira i muhira ubarire abantu ivyo Imana yagukoreye.” Wa muntu aca arataha aca hose mu gisagara, agenda arabwira abantu ivyo Yesu yamukoreye. Umukobwa yari yapfuye n’umugore yari agwaye 40 Yesu asubiye inyuma asanganirwa n’abantu isinzi bari bamurindiriye. 41 Umugabo yitwa Yayiro, yari umukuru w’isinagogi, araza yikubita imbere y’ibirenge vya Yesu aramwinginga ngo bajane i muhira iwe, 42 kuko umukobwa wiwe yariko aracikana. Yari amufise wenyene kandi yari afise imyaka nka cumi n’ibiri. Yesu ari mu nzira agenda, yari akikijwe n’abantu isinzi bamugunda. 43 Hariho umugore yari amaze imyaka cumi n’ibiri agwaye ingwara yo mu gitereko yo kuva amaraso, vyaranse ko akira. 44 Aca yegera Yesu amuturutse inyuma, akora ku musozo w’impuzu yiwe. Ubwo nyene kwa kuva amaraso guca kurahera. 45 Yesu aca arabaza ati: “Ni nde ankozeko?” Bose babihakanye, Petero aramubwira ati: “Mwigisha, abantu ni benshi kandi bariko barakugunda.” 46 Yesu aravuga ati: “Hari umuntu yankozeko kuko hari ubushobozi numvise bumvuyemwo.” 47 Wa mugore abonye atagishoboye kwinyegeza, aca aza ajugumira, yikubita imbere y’ibirenge vya Yesu, aca amubwirira imbere ya bose icatumye amukorako, kandi ko yaciye akira ako kanya nyene. 48 Yesu aramubwira ati: “Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije. Igire amahoro.” 49 Akiriko aravuga, haca haza umuntu avuye kwa Yayiro, wa mukuru w’isinagogi, abwira Yayiro ati: “Umukobwa wawe yamaze gucikana. Nta co ubandanya ugora umwigisha.” 50 Yesu avyumvise aca abarira Yayiro ati: “Ntutinye, ariko wizere, araja gukira.” 51 Ashitse mu nzu kwa Yayiro ntiyemera ko hagira umuntu n’umwe binjirana, kiretse Petero, Yohana, na Yakobo, hamwe na se na nyina b’uwo mwana. 52 Ico gihe abantu bose bariko baramuririra. Yesu arababarira ati: “Nta co murira kuko ntiyapfuye, ahubwo arasinziriye.” 53 Na bo baramutwenga, kuko bari bazi neza ko umwana yapfuye. 54 Yesu aca afata ukuboko kwa wa mukobwa, amubwira ati: “Mwana wanje, vyuka!” 55 Ubwo nyene impwemu y’abazima imusubiramwo, arahaguruka. Maze Yesu ababwira ngo bamugaburire. 56 Abavyeyi biwe baratangara cane, ariko Yesu arabihanikiriza ngo ntihagire uwo babwira ivyabaye. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.