Ivyakozwe 13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe1 Mw’ishengero ryo muri Antiyokiya hari abavugishwa n’Imana n’abigisha ari bo Baranaba, Simeyoni bita Mwirabure, Lukiyo Umunyakurene, Manayeni yari yakuranye na Herode Antipa, hamwe na Sawuli. 2 Bariko barasenga Imana bisonzesheje, Mpwemu Yera ababarira ati: “Ntoraniriza Baranaba na Sawuli, bankorere igikorwa nabahamagariye.” 3 Bahejeje kwisonzesha no gusenga, baca babarambikako ibiganza, barabarungika. Sawuli avuga ubutumwa i Kupuro 4 Nuko baragenda batumwe na Mpwemu Yera, bamanuka i Seluwukiya, baca bafata ubwato buja mw’izinga rya Kupuro. 5 Bageze i Salamini bavuga ijambo ry’Imana mu masinagogi y’Abayuda, kandi Yohana Mariko yagendana na bo abakorera. 6 Nuko bagendagenda iryo zinga ryose gushika bashitse i Pafo. Aho bahahuriye n’Umuyuda w’umunyamareba yigira umuvugishwa, yitwa Bari Yesu, 7 yagendanira Serejiyo Pawulo, icariho ca Kayisari; uwo yari umuntu w’umunyabwenge. Nuko Serejiyo Pawulo atumako Baranaba na Sawuli, kugira ngo yumve ijambo ry’Imana. 8 Ariko wa munyamareba Eluma (izina ryiwe ni ko risobanurwa mu Kigiriki), arabahaririza agomba guhuvya ukwizera kwa ca cariho ca Kayisari. 9 Nuko Sawuli, ari we yitwa Pawulo, yuzuye Mpwemu Yera, amuhanga amaso, 10 amubwira ati: “Uri umwana wa wa mubi, umwansi w’ivyiza vyose! Uzogeza ryari kubuza abantu kugororokera Umwami? 11 Noneho rero Imana ibanguye ukuboko ngo iguhane. Ugiye guhuma, kandi kuva ubu ntuzosubira kubona umuco w’izuba.” Ubwo nyene amaso yiwe yuzura umwijima, buramwirira, atangura kujuragirika mu mpande zose arondera uwomufata ukuboko. 12 Ca cariho ca Kayisari kibibonye kirizera kuko catangajwe cane n’izo nyigisho zavuga ivy’Umwami Yesu. Pawulo na Barunaba bashika muri Antiyokiya h’i Pisidiya 13 Bavuye i Pafo, Pawulo n’abo bari kumwe baca bafata ubwato baja i Pamfiliya ahitwa Peruga, Yohana Mariko aca abasigaho asubira i Yerusalemu. 14 Hanyuma bava i Peruga baja muri Antiyokiya h’i Pisidiya. Ku musi w’Isabato baja mw’isinagogi baricara. 15 Ibitabu vy’ivyagezwe n’ivy’abavugishwa n’Imana bihejeje gusomwa, abakuru b’isinagogi baca batuma umuntu ababaza ati: “Bene Data, nimwaba mufise ijambo ryo gutera intege ishengero, nimuhaguruke mwigishe.” 16 Pawulo ahagurutse, arabamama ngo bacereze, arababwira ati: “Yemwe Bisirayeli namwe Banyamahanga mwubaha Imana, muntege amatwi! 17 Imana y’ubwoko bwa Isirayeli ni yo yatoranije ba sogokuruza, ibaha kuba ihanga rikomeye mu gihugu c’ikinyamahanga ca Egiputa, hanyuma ibakuzayo ukuboko kwayo kw’ubushobozi, 18 yihanganira ubugaba bwabo imyaka mirongo ine mu bugaragwa. 19 Yaranduye amahanga indwi yo mu gihugu c’i Kanani, igiha ubwoko bwacu ngo bucegukire. 20 Ivyo vyose vyabaye nko mu kiringo c’imyaka amajana ane na mirongo itanu. Inyuma yivyo Imana yabahaye abacamanza gushika mu gihe c’uwavugishwa n’Imana Samweli. 21 Ariko mu nyuma bayisaba umwami, na yo ibaha Sawuli mwene Kishi, yava mu muryango wa Benyamini, abaganza imyaka mirongo ine. 22 Imaze gukura Sawuli, yimitse Dawidi ngo abe umwami wabo. Yamushingiye intahe iti: ‘Nironkeye Dawidi mwene Isayi, umuntu ahuye n’uko umutima wanje ugomba, azoshitsa ivyo ngomba vyose.’ 23 Mu ruvyaro rw’uyo muntu, ni ho Imana yacishije Yesu, umukiza w’Abisirayeli, nk’uko yari yarabisezeranye. 24 Imbere y’ukuza kwa Yesu, Yohana yigisha ukwihana n’ukubatizwa ku bantu ku Bisirayeli bose. 25 Yohana ariko arasozera igikorwa ciwe, yavuze ati: ‘Mwibaza ko ndi nde? Sindi wa wundi mwiteze, haba na mba. Ariko hari uwuje inyuma yanje; ntibimbereye no gupfundurura utugozi tw’ibirato vyiwe.’ 26 Bene Data, buzukuruza ba Aburahamu, namwe Banyamahanga mwubaha Imana, ni twebwe ubu butumwa bw’agakiza bwarungikiwe. 27 Ababa i Yerusalemu n’abatware babo ntibamenye Yesu, ariko baramutsindishije, baba bashikije amajambo y’abavugishwa n’Imana yama asomwa ku musi w’Isabato. 28 Naho atacamwagira cari gutuma bamucira urwo gupfa, basavye Pilato kumwicisha. 29 Bamaze gushitsa ivyanditswe kuri we vyose, bamumanuye ku musaraba bamushira mu mva. 30 Ariko Imana yaramuzuye mu bapfuye, 31 hanyuma amara imisi myinshi yiyereka abagendanye na we kuva i Galilaya gushika i Yerusalemu. Ubu ni bo bariko baramushingira intahe mu bwoko bwacu. 32 Natwe rero turi ngaha tubabwira iyi nkuru nziza: Ico Imana yasezeraniye ba sogokuruza 33 yagishikije ku bwacu, twebwe abana babo, mu kuzura Yesu mu bapfuye. Ibi ni vyo vyanditswe muri Zaburi ya kabiri ngo: ‘Uri umwana wanje; uwu musi ndakuvyaye.’ 34 Imana yaramuzuye mu bapfuye kugira ngo ntaze yigere abora. Imana yabivuze muri aya majambo, iti: ‘Nzobaha imigisha yejejwe kandi idahinduka, iyo nasezeraniye Dawidi.’ 35 Ahandi naho havuga ngo: ‘Ntuzoreka uwera wawe ngo abore.’ 36 Dawidi amaze gukora ivyo Imana igomba mu gihe ciwe, yarasinziriye, ahambwa hamwe na ba sekuruza, umubiri wiwe urabora. 37 Ariko uwo Imana yazuye mu bapfuye ntiyigeze abora. 38 None rero bene Data, turabamenyesha ko ari muri Yesu mumenyesherezwa inkuru yo guharirwa ivyaha. 39 Muri we, uwizera wese aba abohowe icaha ciwe cose, ari kwo kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi, ukwo mutashobora guhabwa n’ivyagezwe vya Mose. 40 Mwiyubare rero kugira ngo ivyo abavugishwa bavuze ntibibashikeko, aho bavuga ngo: 41 ‘Nimwitegereze, mwa bacokoranyi mwe, mutangare maze munyike. Kuko mu gihe canyu ngiye gukora kintu, mutokwigera mwemera, naho hogira uwukibabwira.’” 42 Mu gihe Pawulo na Barunaba bariko barasohoka bava mw’isinagogi, abantu barabinginga ngo azogaruke ku musi w’Isabato ikurikira kugira ngo bashishikare kwigisha kuri ayo majambo. 43 Abantu bamaze gutaha, benshi bo mw’isinagogi y’Abayuda hamwe n’abandi bizeye Imana bakurikira Pawulo na Baranaba, na bo bagenda barabahimiriza ngo bagume mu buntu bw’Imana. 44 Ku musi w’Isabato ukurikira, igisagara nka cose cari cakoranye ngo bumvirize ijambo ry’Umwami Imana. 45 Abayuda babonye ayo masinzi bagira ishari, batangura kuvuga ibinyuranye n’ivyo Pawulo yariko aravuga, banamutuka. 46 Pawulo na Baranaba baca barabishura ata bwoba bati: “Ni mwebwe mwari mukwiye kwumva ijambo ry’Imana ubwa mbere. Ariko ko muryanse, mukabona ko mutabereye ubugingo budashira, duhindukiriye Abanyamahanga. 47 Kuko Umwami yari yadutegetse ati: ‘Nagushiriyeho kuba umuco ku Banyamahanga, kugira ngo uzoshikane agakiza ku mpera z’isi.’” 48 Abanyamahanga bavyumvise baranezerwa cane, bahimbaza Ijambo ry’Umwami Imana; abari baratoranirijwe ubugingo budashira, barizera. 49 Nuko ijambo ry’Imana ryamamara muri iyo ntara yose. 50 Ariko Abayuda bosha abagore b’icubahiro bubaha Imana, hamwe n’abagabo baganza igisagara, batangura guhama Pawulo na Baranaba, babirukana muri iyo ntara. 51 Pawulo na Barunaba na bo bakunkumura umukungugu wo mu birenge vyabo, baca baja muri Ikoniyo. 52 Kandi abigishwa bo muri Antiyokiya bari bafise umunezero mwishi, buzuye Mpwemu Yera. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.