Ivyakozwe 10 - Bibiliya mu Kirundi corosheKoruneliyo abwirwa gutumako Simoni Petero 1 I Kayisariya hari umugabo yitwa Koruneliyo, yari umugabisha w’umuce w’ingabo bita Umuce w’Abataliyano. 2 We n’umuryango wiwe bari bariyeguriye kwubaha Imana. Yaratanga ivyiwe abifashisha aboro, kandi agasenga cane yamizako. 3 Umusi umwe, hari nk’igihe c’isaha icenda z’umuhingamo, yerekwa abona mu buryo bugarara umumarayika w’Imana yinjiye aho ari, akavuga ati: “Koruneliyo!” 4 Koruneliyo na we amuhanga amaso yuzuye ubwoba, aramubaza ati: “Ni iki ga Mwami?” Wa mumarayika aramwishura ati: “Amasengesho yawe n’ibikorwa vyawe vy’imbazi vyaduze biba nkishikanwa ry’icibutso imbere y’Imana. 5 Nuko rero rungika abantu i Yopa, bazane umugabo yitwa Simoni ari we Petero. 6 Ari kumwe na Simoni, akora ivyo gutunganya insato, inzu yiwe iri ku nkengera y’ikiyaga.” 7 Wa mumarayika baganira amaze kugenda, Koruneliyo aca ahamagara babiri mu bakozi bari kumwe n’umusoda yubaha Imana, yari umwe mu bamugendanira. 8 Nuko ababwira ivyabaye vyose aca abatuma i Yopa. Ivyo Petero yeretswe 9 Bukeye, nk’igihe c’isaha zitandatu z’umurango, ba bantu bakiri mu nzira bagira bashike i Yopa, Petero aduga ku gisenge c’inzu gusenga. 10 Hanyuma arasonza, ashaka ico arya. Bakiriko barategura infungurwa, amera nk’uwerekwa. 11 Abona ijuru ryugurutse, abona ikintu kimeze nk’igitambara kinini cururutswa hasi gifashwe ku mitwe yaco uko ari ine. 12 Carimwo ibikoko vy’ubwoko bwose bigendera ku maguru ane, ibikwega inda hasi, hamwe n’ibiguruka mu kirere. 13 Maze yumva ijwi rimubwira riti: “Petero we, haguruka, ubage, urye.” 14 Petero na we yishura ati: “Oyaye Mwami, ntibikabe! Kuko jewe ntigeze ndya ikintu na kimwe gihumanye.” 15 Rya jwi ryongera kumubwira ubwa kabiri riti: “Ico Imana yahumanuye ntukacite igihumanye.” 16 Ivyo biba incuro zitatu, ca gitambara gica gisubira kuduzwa mw’ijuru. 17 Petero akiriko ariyumvira insobanuro y’ivyo yeretswe, ba bantu bavuye kwa Koruneliyo baba barashitse kuri ya nzu ya Simoni, bahagarara kw’irembo. 18 Maze barahamagara babaza ko Simoni yitwa Petero yoba ariho asembereye. 19 Petero akiriko ariyumvira kuri bimwe yerekwa, Mpwemu Yera aramubwira ati: “Simoni, hari abantu batatu bariko barakurondera. 20 Haguruka wururuke kandi ntutinye kujana na bo kuko ari jewe nabarungitse.” 21 Petero arururuka, abwira ba bantu ati: “Ni jewe muriko murarondera. Muzanywe n’iki?” 22 Ba bantu barishura bati: “Turungitswe na Koruneliyo, umugabisha w’abasoda ijana. Ni umugororotsi yubaha Imana, ashingirwa intahe n’ubwoko bw’Abayuda bwose. Umumarayika yamubwiye ngo agutumeko iwe kugira ngo yumve ivyo uri bumubwire.” 23 Nuko Petero aca arabakira ngo barare ngaho. Bukeye Petero ajana na bo, aherekejwe na bamwe bo mu bizera b’i Yopa. Petero yigisha mu nzu kwa Koruneliyo 24 Ku musi ukurikira barashika i Kayisariya, kandi Koruneliyo yari abiteze, yari yakoranije incuti n’abagenzi biwe. 25 Petero ashitse, Koruneliyo aca akubita ibipfukamiro hasi ngo amusenge. 26 Ariko Petero aramubwira ati: “Haguruka kuko nanje ndi umuntu nka we.” 27 Nuko bagenda baraganira binjira mu nzu, Petero asanga hari isinzi ry’abantu bahakoraniye. 28 Aca arababwira ati: “Murazi neza ko bitemewe ko Umuyuda yifatanya n’umunyamahanga canke ngo amugendere. Ariko Imana yanyeretse ko ntakwiye gufata umuntu n’umwe nk’uwuhumanye. 29 Ni co gituma igihe mwantumako nemeye kuza ntahigimanze. Nagomba rero kubaza icatumye muntumako.” 30 Koruneliyo aramwishura ati: “Haciye imisi itatu, nari iwanje ndiko ndasenga, hari nk’igihe c’isaha icenda. Hanyuma mbona umuntu yambaye impuzu zikayangana ahagaze imbere yanje 31 ambarira ati: ‘Koruneliyo, Imana yumvise amasengesho yawe, kandi yibutse n’ibikorwa vyawe vy’imbabazi. 32 Tumako Simoni bita Petero, ari i Yopa. Asembereye mu nzu kwa Simoni akora ibijanye no gutunganya insato, aba ku nkengera y’ikiyaga.’ 33 Ni ko guca ndagutumako ubwo nyene, kandi wagize neza kuza. None rero ubu twese turi hano imbere y’Imana kugira ngo twumve ivyo Imana yagutumye kutubwira vyose.” 34 Nuko rero Petero aherako aravuga ati: “Ubu rero ni ho nkimenya vy’ukuri ko Imana idatoranya abantu ku butoni, 35 ariko ko mu mahanga yose umuntu wese ayubaha agakora ibigororotse imwemera. 36 Murazi ijambo Imana yarungikiye Abisirayeli, ryavuga Inkuru Nziza y’amahoro abonerwa muri Yesu Kristo, ari we Mwami wa bose. 37 Murazi ivyabaye i Yudaya hose, uhereye i Galilaya inyuma y’umubatizo Yohana yigisha; 38 ingene Imana yarobanuje Yesu w’i Nazareti Mpwemu Yera n’ubushobozi, n’ukuntu yagendagenda hose agira neza, akiza n’abari mu gacinyizo ka wa mubi, kuko Imana yari kumwe na we. 39 Natwe turi ivyabona vyo gushingira intahe ivyo yakoze vyose mu gihugu c’Abayuda n’i Yerusalemu. Yishwe abambwe ku musaraba, 40 ariko Imana yaramuzuye mu bapfuye ku musi ugira gatatu, ituma asubira kuboneka. 41 Ntiyabonywe na bose, kiretse twebwe abo Imana yari yaratoranije nk’ivyabona, twasangiye na we amaze kuzuka mu bapfuye. 42 Kandi yadutuma kwigisha abantu no gushinga intahe ko ari we Imana yashiriyeho kuba umucamanza w’abazima n’abapfuye. 43 Abavugishwa n’Imana bose baramushingira intahe ko uwumwizeye wese azoharirwa ivyaha mw’izina ryiwe.” 44 Petero akiriko aravuga ayo majambo, Mpwemu Yera amanukira ku bumvise ubwo butumwa bose. 45 Abizera bari barakebwe bari bazananye na Petero batangazwa cane n’uko ingabire ya Mpwemu Yera yasutswe no ku Banyamahanga na bo, 46 kuko babumvise bavuga mu ndimi zitamenyekana, bahimbaza Imana. Maze Petero aravuga ati: 47 “Mbega hari uwobuza aba bantu kubatizwa mu mazi, kandi baronse Mpwemu Yera nk’uko natwe twamuronse?” 48 Nuko asaba ko bababatiza mw’Izina rya Yesu Kristo. Baca binginga Petero ngo amarane na bo imisi na mikeya. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.