Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Ivyahishuwe 15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Abamarayika indwi n’ivyago indwi

1 Hanyuma mbona mw’ijuru ikindi kimenyetso gihambaye kandi gitangaje. Hari abamarayika indwi bafise ivyago indwi vya nyuma, bizorangiza uburake bwose bw’Imana.

2 Nca mbona n’ikimeze nk’ikiyaga c’ibiyo bivanze n’umuriro. I ruhande yaco hari hahagaze abanesheje ca gikoko n’igishushanyo caco n’ikimenyetso c’izina ryaco. Bari bafise inanga bahawe n’Imana,

3 baririmba indirimbo ya Mose umukozi w’Imana n’iy’Umwagazi w’intama, bavuga bati: “Ibikorwa vyawe birahambaye kandi biratangaje, Mwami, Imana Mushoboravyose. Inzira zawe ziragororotse kandi ni iz’ukuri, Mwami w’amahanga.

4 Ni nde atazogutinya ga Mwami, ngo aheshe icubahiro izina ryawe? Ni wewe wenyene wera. Amahanga yose azoza, apfukame imbere yawe agusenge, kuko ibikorwa vyawe vy’ukugororoka vyaramenyekanye.”

5 Hanyuma y’ivyo nca mbona mw’ijuru urusengero rurimwo ihema ry’isezerano rwuguruye.

6 Ba bamarayika indwi bafise ivyago indwi baca barasohoka bava mu rusengero. Bari bambaye impuzu zera derere zitanduye, bakenyeje imikanda y’inzahabu.

7 Kimwe mu binyabugingo gica giha ba bamarayika indwi inzavya indwi zuzuyemwo uburake bw’Imana ihoraho.

8 Ubwo nyene urusengero ruca rwuzura umwotsi uvuye mu cubahiro c’Imana n’ububasha bwayo, ntihaba hakigira uwushobora kwinjira muri urwo rusengero gushika ba bamarayika indwi bashikije vya vyago indwi.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ