Filemoni 1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe1 Jewe Pawulo, imbohe ya Kristo Yesu, na mwene Data Timoteyo, Turakwandikiye wewe Filemoni, mwene Data dukunda cane kandi dusangiye ibikorwa, 2 na mushiki wacu Afiya, na Arukipo uwo dusangiye urugamba, n’ishengero rikoranira mu nzu yanyu: 3 Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami wacu Yesu Kristo bibane namwe. Pawulo ashima Imana 4 Nama nshima Imana ibihe vyose iyo ndiko ndagusengera, 5 kuko numvise ukwizera Umwami Yesu kuri muri wewe, n’urukundo ufitiye abizera bose. 6 Ndagusengera kugira ngo ukwizera dusangiye kwame ivyamwa, maze ubone gutahura ivyiza vyose dufise muri Kristo Yesu. 7 Urukundo rwawe rwanteye umunezero mwinshi rwongera runtera intege, kuko waremesheje imitima y’abizera. Pawulo avugira Onesimo 8 Ni co gituma, naho muri Kristo nari gushobora kugutegeka gukora ivyo utegerezwa gukora, 9 mpisemwo kubikwingingira mu rukundo. Ndakwinginze jewe Pawulo, umutama kandi vyongeye ubu nkaba n’imbohe ya Kristo Yesu, 10 ningingira umwana wanje Onesimo, uwo navyaye ndi mw’ibohero. 11 Yahora ari imburakimazi kuri wewe, ariko ubu ni uw’ikimazi kuri wewe no kuri jewe. 12 Ndamukurungikiye kandi umenye ko afise umutima nk’uwanje. 13 Nashaka ko agumana nanje kugira ngo amfashe mu kibanza cawe muri iki gihe ndi imbohe kubera Ubutumwa Bwiza. 14 Ariko sinashatse kugira ico nkoze ntakugishije inama, kugira ngo iciza cose wonkorera ugikore bivuye ku mutima, ata gahato. 15 Birashoboka ko igituma yatandukanye na we igihe gito, kwari kugira ngo azogaruke ari uwawe ibihe vyose; 16 atakiri umugurano, ahubwo arengeye umugurano, ari mwene Data w’umukundwa. Ndamukunda cane ariko ndazi ko wewe umukunda kundusha, haba mu buryo bw’umubiri nk’umuvukanyi, canke nka mwene Data mu Mwami wacu. 17 None rero nimba unyemera nk’uwo musangiye igikorwa, umwakire nk’aho woba wakiriye jewe ubwanje. 18 Nimba hari ikibi yagukoreye canke hari ideni agufitiye, urimparureko. 19 Jewe Pawulo, ndabikwandikiye n’ukuboko kwanje: nzorikuriha. Sinorinda kukwibutsa ko nawe umfitiye ideni ry’ubuzima bwawe. 20 Ndakwinginze rero mwene Data ungirire ubwo buntu ku bw’Umwami; uremeshe umutima wanje muri Kristo. 21 Ndakwandikiye nizeye ko uzokora ivyo ndagusavye, ndetse n’ibirengeye. 22 Kandi untegurire icumba, kuko nizera ko Imana izokwishura amasengesho yawe, maze ikandekura nkagaruka iwanyu vuba. 23 Epafura, uwo dusangiye ukubohwa muri Kristo Yesu, arabatasha, 24 Mariko, Arisitariko, Dema na Luka, abo dusangiye ibikorwa, na bo nyene barabatasha. 25 Ubuntu bw’Umwami Yesu Kristo bubane n’impwemu yawe. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.