Abaroma 15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe1 Twebwe abakomeye mu kwizera dukwiye kwihanganira abadakomeye mu kwizera, ntiturondere ibitunezereza gusa. 2 Dukwiye gufasha bagenzi bacu gukora ibibereye mu ntumbero yo kubafasha gukura mu kwizera. 3 Na Kristo ubwiwe ntiyabayeho arondera kwinezereza. Ahubwo, Ivyanditswe Vyera bivuga biti: “Ibitutsi abantu bagututse, vyose vyashikiye kuri jewe.” 4 Kuko ivyanditswe kera vyose vyanditswe kugira ngo bitwigishe. Bidushoboza kwihangana, bikadutera n’intege kugira ngo dushobore kwizigira ko Imana izoshitsa ivyo yasezeranye. 5 Imana, yo iduha kwihangana ikadutera intege, ibahe guhuza umutima n’inama nk’uko bibereye abakurikira Kristo Yesu, 6 kugira ngo mwese hamwe muhimbaze Imana Se w’Umwami wacu Yesu Kristo n’umutima umwe n’ijwi rimwe. 7 Nk’uko Kristo yabakiriye, namwe abe ari ko mwakirana kugira ngo biheshe Imana icubahiro. 8 Mwibuke ko Kristo yaje ari uwukorera Abayuda kugira ngo abereke ko Imana ari umwizigirwa ku masezerano yasezeraniye ba sekuruza. 9 Vyongeye, yazanywe no kugira ngo n’Abanyamahanga na bo bahabwe akaryo ko guhimbaza Imana kubera imbabazi zayo, nk’uko Ivyanditswe Vyera bivuga biti: “Ni co gituma nzogutazira mu Banyamahanga; nzotazira izina ryawe mu ndirimbo.” 10 Birongera bikavuga biti: “Yemwe Banyamahanga, nimunezeranwe n’ubwoko bwayo.” 11 Ahandi na ho bivuga biti: “Nimutazire Uhoraho, yemwe Banyamahanga mwese, namwe mahanga, mumushire hejuru namwe moko yose.” 12 Ahandi na ho Yesaya yavugishijwe ati: “Uwukomoka kuri Isayi azoza; azohaguruka kugira ngo aganze amahanga; muri we ni ho Abanyamahanga bose bazoshira ivyizigiro.” 13 Imana, yo itanga ivyizigiro, ibuzuze umunezero n’amahoro kuko muyizera, kugira ngo murushirize kwizigira amasezerano yayo mubishobojwe na Mpwemu Yera. Pawulo intumwa mu Banyamahanga 14 Bene Data, jewe ubwanje ndazi neza ntakekeranya ko mwuzuye ineza n’ubumenyi bwose kandi ko mushoboye kwigishanya. 15 Ariko ndabandikiye kuri bimwebimwe nshize amanga nk’uwubibutsa kubera ubuntu Imana yangiriye 16 bwo kuba intumwa ya Kristo Yesu mu Banyamahanga. Ndababwira Ubutumwa Bwiza kugira ngo ndabashikanire Imana nk’ikimazi cemerwa na yo, cejejwe na Mpwemu Yera. 17 Ndafise rero imvo zituma nezerererwa igikorwa nkorera Imana muri Kristo Yesu. 18 Yamara rero nta kintu mfise nokwirata kiretse ico Kristo yankoresheje mu majambo no mu bikorwa, kugira ngo nshikane Abanyamahanga ku kwumvira Imana. 19 Abo bemejwe n’ubushobozi bwagaragariye mu bitangaza n’utwumiza hamwe n’ubushobozi bwa Mpwemu w’Imana. Uko ni ko navuze Ubutumwa Bwiza bwa Kristo kuva i Yerusalemu kugeza nshitse muri Ilurikumu. 20 Ico namye nipfuza kwari ukuvuga Ubutumwa Bwiza ahantu izina rya Kristo ritarigera rivugwa, kugira ngo sinubake ku rufatiro rwashizweho n’uwundi muntu. 21 Nakoze nisunze iri jambo ryo mu Vyanditswe Vyera rivuga riti: “Abatigeze bumva ivyiwe, bazomubona; kandi abatigeze bamwumva, bazotahura ivyiwe.” 22 Icatumye nteba kuza iwanyu, ni uko nariko ndavuga Ubutumwa muri izo ntara. Pawulo ategura kuja i Roma 23 Ubu rero ko nahejeje ibikorwa nahora nkorera muri izo ntara nkaba nari maze iyi myaka yose ndindiriye, ndipfuza cane kubagendera. 24 Ndiko ndategura kuja muri Esupanye maze mpite ndabaramutsa. Nitwamarana inkumbu, muzoheza mumfashishe ivyankenerwa kugira mbandanye urugendo. 25 Ariko imbere yo kuza, nzobanza kuja i Yerusalemu gushikiriza bene Data baho imfashanyo. 26 Amashengero y’i Makedoniya no muri Akaya yahimbawe no kwegeraniriza imfashanyo abakene bo mu bizera b’i Yerusalemu. 27 Ivyo babikoranye umunezero, ariko mu vy’ukuri bari babafitiye umwenda, kuko Abanyamahanga baronse umugisha wo mu buryo bw’impwemu uvuye ku Butumwa Bwiza bashikirijwe n’abizera b’i Yerusalemu. Ni co gituma na bo bahisemwo kubafashisha ku vy’ubutunzi bwabo. 28 Ninaheza ico gikorwa co kubashikiriza iyo mfashanyo, nzoheza mpite ndabaramutsa ngiye muri Esupanye. 29 Kandi ndazi neza ko aho nzozira tuzosangira umugisha wa Kristo wuzuye. 30 Ariko bene Data, ndabinginga mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo no mu rukundo rwa Mpwemu Yera ngo mumfashe kugwana intambara mu masengesho. 31 Munsengere kugira ngo Imana ize indinde abatizera b’i Yudaya, kandi n’abizera na bo b’i Yerusalemu baze bemere imfashanyo ndabashiriye. 32 Maze, Imana ibishatse, nzoheza nze iwanyu nuzuye umunezero, gutyo nduhurwe no kubana namwe. 33 Imana, yo itanga amahoro, ibane namwe mwese. Amen. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.