Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Abaroma 13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Kwubaha abategetsi

1 Umuntu wese akwiye kwubaha abategetsi, kuko ata butegetsi na bumwe bubaho Imana itabushizeho. Ubutegetsi buriho bwashizweho n’Imana.

2 Ni co gituma, umuntu wese agarariza ubutegetsi, aba agararije urutonde rw’Imana, kandi uwukoze ivyo aba yikwegeye gutsindwa n’urubanza.

3 Kuko abatware ntibateye ubwoba ku bakora ibibereye, ahubwo bateye ubwoba ku bakora ibibi. Woba ugomba kutagira ubwoba imbere y’abategetsi? Kora ibibereye bazogushimira.

4 Kuko abategetsi ni abakozi batumwe n’Imana ku neza yawe. Ariko nimba ukora ibibi, birumvikana ko utegerezwa gutinya, kuko bafise ububasha bwo kuguhana. Ni abakozi Imana yatumye guhana inkozi z’ibibi.

5 Ni co gituma ubwirizwa kubumvira, atari mu ntumbero yo kugira ngo ntuhanwe, ariko kandi kubera ijwi ryo mu mutima ribidutegeka.

6 Ni co gituma ukwiye gutanga ikori neza, kuko abategetsi baba bariko barakorera Imana iyo barangura igikorwa cabo co gutegeka.

7 Uhe umuntu wese ivyo akwiriye guhabwa: abakwiriye guhabwa amakori mubahe amakori, uwukwiriye gutinywa mumutinye, uwukwiriye iteka mumutere iteka.


Dukundane

8 Ntihagire umwenda mugirira umuntu n’umwe, kiretse uwo gukundana, kuko uwukunda abandi, aba ashikije ivyagezwe.

9 Amabwirizwa avuga ngo: “Ntugasambane; ntukice; ntukibe; ntukipfuze ivy’abandi,” hamwe n’ayandi nk’ayo akoranirijwe muri iri rimwe rivuga ngo: “Ukunde mugenzawe nk’uko wikunda.”

10 Uwukunda nta kibi na kimwe yogirira uwo akunda. Uwukunda, aba ashikije ivyagezwe vyose.


Kwitegurira kugaruka kwa Yesu

11 Kandi ivyo mukwiye kubishishikara kuko muzi igihe tugezemwo. Iki ni igihe co kwikangura, kuko agakiza kacu katwegereye kurusha ca gihe twatangura kwizera.

12 Ijoro riritereye, bugira buce. Kubera ivyo, twiyambure ibikorwa vy’umwijima, twambare ibigwanisho vy’umuco.

13 Twigenze neza nk’abagenda ku murango. Twirinde kudandahirwa no kuborerwa. Twirinde ubusambanyi no kugendera mu biteye isoni. Twirinde gutongana no kugiriranira ishari.

14 Ahubwo, murondere gusa n’Umwami Yesu Kristo, aho kwitaho imibiri yanyu ngo mushitse ivyo yipfuza.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ