Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Abaroma 11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Imana ntiyahevye Abisirayeli

1 Ndongera nkibaza nti: Mbega Imana yoba yarahevye abantu bayo ari bo Bisirayeli? Haba na mba! Jewe ubwanje ndi Umwisirayeli, uruvyaro rwa Aburahamu, nkaba nkomoka mu muryango wa Benyamini.

2 Imana ntiyahevye abantu bayo yatoranije kuva kera. Mbega murazi ico Ivyanditswe Vyera bivuga kuri ivyo? Uwavugishwa n’Imana Eliya yareze Abisirayeli ku Mana ati:

3 “Uhoraho, bishe abavugishwa bawe, basangangura n’ibicaniro vyawe. Ni jewe jenyene nsigaye kandi nanje bariko barandondera ngo banyice.”

4 Mbega inyishu y’Imana yabaye iyihe? Yamubwiye iti: “Naribikiye abantu ibihumbi indwi batigeze bapfukamira ikigirwamana Bayali ngo bagisenge.”

5 No muri kino gihe ni ko bimeze, harasigaye Abisirayeli bakeya bakiri abizigirwa kuko ubuntu bw’Imana bwabazigamye.

6 Ivyo vyavuye ku buntu bw’Imana gusa, ntivyavuye ku bikorwa vyiza bakoze. Kuko, iyo biba vyavuye ku bikorwa vyiza bakoze, ubuntu bw’Imana ntibwoba bukibaye ubuntu vy’ukuri.

7 Mbega ivyo bisigura iki? Bivuga ko benshi mu Bisirayeli bataronse kwemerwa n’Imana naho babironderana ishaka ryinshi. Ni abantu bakeya gusa batoranijwe n’Imana babironse, ariko imitima y’abandi yashishikaye gukomantara,

8 nk’uko Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Imana yabahinduye ibiyingiyingi; bafise amaso ariko ntibabona, bafise amatwi ariko ntibumva, gushika n’uno musi.”

9 Dawidi na we yavuze, ati: “Reka indya zo ku meza yabo zibabere umutego n’ikinogo co kugwamwo, ibuye ritsitaza n’ingero bakwiranye.

10 Reka amaso yabo ahume ntibashobore kubona, n’imigongo yabo yame ihetamye ibihe vyose!”


Ukwemerwa kw’abanyamahanga

11 Nuko rero ndabaza: None abantu b’Imana baratsitaye bagwa ubutakivyuka? Haba na mba! Ariko kugwa kwabo kwatumye agakiza gashikira Abanyamahanga, kugira ngo bibatere kugira ishari, maze bipfuze ako gakiza na bo.

12 Nimba kutumvira kwabo kwatungishije isi kandi nimba Abanyamahanga bahawe umugisha n’uko Abisirayeli banse agakiza, iyumvire ingene isi izohezagirwa igihe bazohindukirira Imana n’imitima yabo yose.

13 Ni mwebwe Banyamahanga ndiko ndabwira kuko Imana yampamagariye kuba intumwa mu Banyamahanga. Ico gikorwa ndakinezererewe,

14 kugira ngo ntume Abisirayeli bagirira ishari ico mwebwe abanyamahanga mufise, bikunze ndokore bamwe muri bo.

15 Kuko nimba kwigizwayo kwabo kwazaniye agakiza abo kw’isi bose, mbega kwemerwa kwabo ntikuzozana ivyiza birushirije? Bizomera nko gusubiza ubuzima abari barapfuye!

16 Nimba ikimanyu c’umukate cashikaniwe Imana nk’ivyeze ubwa mbere cejejwe, umukate wose uba wejejwe; kandi nimba imizi y’igiti yejejwe, n’amashami na yo nyene aba yejejwe.

17 Mwebwe abanyamahanga, mugereranywa n’amashami y’igiti c’umwelayo wo mw’ishamba, yatewe ku giti c’umwelayo wo mu murima. Mwasubiriye amwe mu mashami yaco yaciwe, muca musangira n’ayasigaye ingaburo iva mu mizi y’uwo mwelayo w’umurimano.

18 Nuko rero, ntimukishime kuri ayo mashami yaciwe, kuko mwebwe muri amashami gusa, ntimuri imizi. Imizi ni yo ibashigikiye.

19 Ariko urashobora kuvuga uti: “Erega ayo mashami y’ukuri yaciwe kugira ngo nterwe mu kibanza cayo.”

20 Ukwo ni ukuri. Ariko wibuke ko ayo mashami yaciwe kubera ukutizera, kandi nawe uhagumijwe n’ukwizera. Rero, ntiwishime ahubwo utinye.

21 Kuko nimba Imana itihanganiye Abayuda bagereranywa n’amashami y’ukuri, na wewe yohava itakwihanganira.

22 Raba rero ingene Imana igira neza, ariko kandi igahambara: yahambariye abaguye, ariko wewe ikugirira ubuntu, nimba ushishikara kugendera muri ukwo kugira neza kwayo. Bitari ukwo, na wewe uzocibwa nta kabuza.

23 Kandi Abisirayeli nibemera guhindukira bakava mu kutizera kwabo, bazosubira baterwe ku giti bahozeko, kuko Imana irashoboye kubikora.

24 Mu vy’ukuri, wewe muri kamere muntu kawe umeze nk’ishami ry’umwelayo wo mw’ishamba. Nimba rero Imana yakoze ikintu kinyuranye n’uko ibintu bisanzwe bimeze, ikemera kugutera ku mwelayo wo mu murima, bizoyorohera cane gusubiza amashami y’ukuri aho yahoze?


Abisirayeli bose bazokizwa

25 Bene Data, ndagomba ko mumenya iri banga ngira ndababwire kugira ngo bibarinde ubwibone. Bamwe mu Bisirayeli bafise imitima ikomantaye, ariko ivyo bizorangira igitigiri c’Abanyamahanga binjira mu gakiza gikwiye.

26 Ico gihe, Abisirayeli bose bazokizwa, nk’uko handitswe ngo: “Umurokozi azova i Siyoni, kandi azohindura aba Yakobo abakure mu kutubaha Imana.

27 Iri ni ryo sezerano nzobashitsako ninabakurako ibicumuro vyabo.”

28 Benshi mu Bisirayeli ubu ni abansi b’Ubutumwa Bwiza, kandi ivyo bizanira inyungu mwebwe abanyamahanga. Ariko, ku bijanye no gutoranywa, iracabakunda kubera ba Sekuruza babo Aburahamu, Isaka na Yakobo.

29 Kuko Imana idasubira ku ngabire yatanze canke ngo ihebe abo yatoranije,

30 nk’uko namwe abanyamahanga mwigeze kuba mu mugararizo, mutumvira Imana, ariko ubu mukaba mwaragiriwe imbabazi kubera Abisirayeli bagararije.

31 Babaye abagarariji, kugira ngo nk’uko namwe mwagiriwe imbabazi, na bo baze bazigirirwe.

32 Kuko abantu bose baragararije Imana, bituma ibafata nk’imbohe. Ivyo ibikora kugira ngo ibagirire imbabazi bose.


Pawulo atangarira Imana

33 Mbega ubwinshi bw’ubwenge n’ubumenyi vy’Imana! Ingingo ifata ntizitahurika kandi inzira zayo ntizimenyekana.

34 “Ni nde yigeze amenya ivyiyumviro vy’Uhoraho? Canke ni nde yayibereye umujenama?”

35 “Hari uwoba yarigeze kugurana Imana kugira ngo ize imwishure?”

36 Vyose ni yo ibitanga, bibeshejweho n’ubushobozi bwayo kandi biriho kugira ngo biyiheshe icubahiro. Icubahiro cose kibe icayo ibihe vyose! Amen.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ