Abaheburayo 10 - Bibiliya mu Kirundi corosheKristo yitanze rimwe gusa 1 Ivyagezwe vya Mose ni ikigereranyo c’ivyiza bigiye kuza; si ukuri kw’ivyo vyiza. Mu gihe c’Ivyagezwe, baguma batanga ibimazi uko umwaka utashe, yamara ivyo bimazi ntivyigeze bishobora gutunganya rwose abegera Imana bayisenga. 2 Iyo biba vyarashoboye gutunganya rwose abegera Imana bayisenga, vyari kuba vyarahagaritswe gutangwa kuko batari kuba bacumva ijwi ribagiriza icaha. 3 Ahubwo ivyo bimazi vyama bibibutsa ivyaha vyabo uko umwaka utashe. 4 Amaraso y’impfizi z’inka n’impene ntashobora gukuraho ivyaha. 5 Ni co gituma igihe Kristo yaza mw’isi yavuze ati: “Ibimazi n’amashikanwa si vyo washatse, ariko wanteguriye umubiri; 6 amashikanwa aturiwe n’amashikanwa y’ivyaha ntivyaguhimbaye. 7 Nanje ndavuga nti: ‘Ndi hano, nje gukora ivyo ugomba, Mana, nk’uko umuzingo w’igitabu umvugako.’” 8 Ubwa mbere Kristo yavuze ati: “Ntiwashatse kandi ntiwashimye ibimazi n’amashikanwa canke ibimazi bituririwe ku gicaniro n’ibimazi vy’ivyaha, kandi vyategekanywa n’ivyagezwe vya Mose.” 9 Ni ho yavuga ati: “Ehe, nje gukora ivyo ugomba.” Vyumvikana ko yakuyeho isezerano rya mbere, akarisubiriza irya kabiri. 10 Kuko ico Imana yashaka kwari uko twezwa biciye mu kimazi c’umubiri wa Yesu Kristo, rimwe rizima. 11 Mu gihe c’isezerano rya mbere, umuherezi wese yakora igikorwa ciwe ku gicaniro imisi yose agatanga kenshi ibimazi amenyereye gutanga, yamara ntivyashobora gukuraho ivyaha. 12 Ariko Umuherezi Mukuru wacu yitanze rimwe rizima, nk’ikimazi kimwe gusa gikuraho ivyaha, hanyuma yicara mu kibanza c’icubahiro i buryo bw’Imana. 13 Aho ni ho arindiririye ko Imana icisha bugufi abansi biwe ikabashira musi y’ibirenge vyiwe. 14 Biciye kuri ico kimazi kimwe, yashikanye ku gutungana, rwose kandi ibihe vyose, abejejwe ivyaha vyabo. 15 Kandi na Mpwemu Yera na we arabitwemeza. Kuko avuga ngo: 16 “Iri ni ryo sezerano nzogirana n’abantu banje inyuma y’aho, ni ko Uhoraho avuze. Nzoshira ivyagezwe vyanje mu mitima yabo, ndavyandike mu bwenge bwabo.” 17 Yongerako ati: “Sinzokwibuka ukundi ivyaha n’ibikorwa bibi vyabo.” 18 Kandi iyo ivyaha bimaze guharirwa, ntihaba hagikenewe ibimazi vyo kubikuraho. Kwihangana 19 Ni co gituma, bene Data, dushobora kwinjira ata bwoba Ahera h’Ahera ho mw’ijuru ku bw’amaraso ya Yesu. 20 Yatwugururiye inzira nshasha itanga ubugingo biciye muri ca gitambara gikinze co mu ngoro, ari wo mubiri wiwe. 21 Kandi ko dufise Umuherezi Mukuru aganza inzu y’Imana, 22 muze twegere aho Imana iri dufise imitima irimwo ukuri kandi tuyizeye ata gukekeranya, imitima yacu yogejwe igakurwamwo ibiyagiriza, n’imibiri yacu yogeshejwe amazi meza. 23 Muze twumire ku vyizigiro twatura tutanyiganyiga, kuko Imana yasezeranye ni iyo kwizigirwa. 24 Kandi turondere ingene twoterana intege zo gukundana no gukora ibikorwa vyiza. 25 Kandi ntiduhebe gukoranira hamwe, nk’uko bamwe babigira, ahubwo duterane intege, na canecane ubu mubona ko umusi wo kugaruka kwiwe wegereje. 26 Kuko nitwabandanya dukora ivyaha ibigirankana kandi tumaze kumenya ukuri, nta kimazi co gukura ivyaha kizoba kigisigaye. 27 Hazoba hasigaye gusa kwitegana ubwoba urubanza rw’Imana n’umuriro uteye ubwoba uzoturira abansi bayo. 28 Abatumviye ivyagezwe vya Mose bose baricwa ata kigongwe, bagirijwe n’ivyabona bibiri canke bitatu. 29 Namwe mwibaze ingene igihano kizohabwa abagaye Umwana w’Imana, bagatitura amaraso y’isezerano yabogeje ivyaha, kandi bagatuka Mpwemu w’ubuntu, kizoba gikomeye. 30 Kuko turazi uwavuze ngo: “Uguhora ni ukwanje; ni jewe nzokwishura umuntu ibikwiranye n’ivyo yakoze.” Yongerako avuga ati: “Uhoraho azocira urubanza abantu biwe.” 31 Ni ikintu giteye ubwoba gukorokera mu maboko y’Imana nzima. 32 Mwibuke uko vyari vyifashe mu misi ya mbere, mumaze kwakirwa n’umuco w’Imana. Mwaciye mu mibabaro myinshi, ariko mugumana ubwizigirwa. 33 Rimwe na rimwe mwamaramarizwa ku mugaragaro mugakubitwa, ahandi naho mugafasha abariko baragirirwa ivyo. 34 Mwagirira impuhwe abapfunzwe, kandi iyo babanyaze ivyanyu mwavyemerana umunezero, kuko mwari muzi ko mufise ubutunzi burengeye ubwo kandi buzokwamaho. 35 Ntimugatakaze ivyizigiro mufise mu Mwami, kuko bifise impera ikomeye. 36 Mukwiye kwihangana kugira ngo nimwamara gukora ivyo Imana ishaka muze muhabwe ivyasezeranywe. 37 Kuko, “Hasigaye igihe gito, uwugira aze azoza, kandi ntazoteba.” 38 Kandi, “Umugororotsi wanje azobeshwaho n’ukwizera. Ariko niyasubira inyuma, ntazohimbara umutima wanje.” 39 Ariko twebwe ntituri mu basubira inyuma bagahona, ahubwo turi mu bizera bagakiza imitima yabo. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.