Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Abaheburayo 1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Imana yavuze iciye mu Mwana wayo

1 Kera Imana yavuganye na ba sogokuruza kenshi kandi mu buryo bwinshi iciye ku bavugishwa na yo.

2 Ariko muri iyi misi y’iherezo, yavuganye natwe iciye ku Mwana wayo. Uwo ni we Imana yagize samuragwa w’ibintu vyose, kandi ivyaremwe vyose yabiremye iciye muri we.

3 Uwo Mwana yerekana ugukayangana kw’ubwiza bw’Imana kandi ni we shusho nyayo iboneka y’ubumana bwayo. Vyongeye ni we ashigikije vyose ijambo ryiwe ry’inkomezi. Ahejeje gushiraho uburyo bwo kwoza ivyaha vyacu, yaciye yicara mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana y’icubahiro mw’ijuru.

4 Ibi vyerekana ko Umwana aruta cane abamarayika, nk’uko izina Imana yamuhaye riruta amazina yabo.


Umwana aruta abamarayika

5 Ni nde mu bamarayika Imana yigeze ivugako iti: “Uri Umwana wanje; uwu musi ndakuvyaye”? Canke iti: “Nzomubera Se, na we azombera Umwana”?

6 Kandi igihe Imana yazana Umwana wayo w’imfura mw’isi, yavuze iti: “Abamarayika bose b’Imana nibamusenge.”

7 Ku bijanye n’abamarayika, yavuze iti: “Abamarayika bayo ibahindura imiyaga, abakozi bayo ikabagira imbeya z’umuriro.”

8 Ariko ku vyerekeye Umwana, ivuga iti: “Ukuganza kwawe, ewe Mana, kuzokwamaho. Ubugororotsi ni ryo cumu ry’inganji y’Ubwami bwawe.

9 Wakunze ubugororotsi, wanka ikibi; ni co gituma Imana, ari yo Mana yawe, yagutoranije, ikagusiga amavuta y’umunezero, ikakurutisha bagenzawe.”

10 Yongera iravuga iti: “Ni wewe, Uhoraho, washizeho amatanguriro y’isi, kandi amaboko yawe ni yo yaremye amajuru.

11 Ivyo bizoshira, ariko wewe wamaho. Vyose bizosaza nk’impuzu.

12 Uzobizinga nk’uwuzinga impuzu; bizohindurwa nk’uko bahindura impuzu. Ariko wewe uhora uko wamye, kandi imyaka yawe ntigira iherezo.”

13 Ni nde mu bamarayika Imana yigeze ivugako iti: “Icara i buryo bwanje kugeza abansi bawe bose ndabashize musi y’ibirenge vyawe”?

14 Mbega abamarayika bose si impwemu zikorera Imana? Ntiyazitumye gukorera abazoragwa agakiza?

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ