Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

3 Yohana 1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Jewe umutama w’Ishengero, Ndakwandikiye wewe Gayo, uwo nkunda mu kuri.

2 Mugenzi nkunda, ndakwipfuriza kugira amagara meza no kuroranirwa mu mubiri, nk’uko impwemu yawe imerewe.

3 Naranezerewe cane igihe bamwe muri bene Data baza bakambwira ingene uri umwizigirwa kandi ugendera mu kuri.

4 Nta munezero woza undutira kwumva ko abana banje bagendera mu kuri.

5 Mugenzi nkunda, werekana ubwizigirwa mu vyo uriko urakorera bene Data, naho ari abanyamahanga kuri wewe.

6 Na bo bashingiye intahe urukundo rwawe imbere y’ishengero. Ndakwinginze ubandanye ubashigikira mu vyo bakeneye mu buryo bunezereza Imana,

7 kuko bafashe urugendo bakorera izina rya Kristo, kandi ntibemeye gufashwa n’abatizera.

8 Dutegerezwa kwakira n’umutima mwiza abantu nk’abo kugira ngo dufatanye na bo gukorera ukuri.

9 Narandikiye ishengero; ariko Diyotirefe, akunda kwishira imbere, ntiyemera ikibanza cacu nk’abarongozi.

10 Ninaza, nzoshira ahabona ivyo ariko arakora, ibibi n’ibinyoma akwiragiriza atuvuga nabi. Uretse ko we ubwiwe yanka kwakira bene Data, ahubwo abuza n’abashaka kubakira, akanabataramura mw’ishengero.

11 Mugenzi nkunda, ntukigane ibibi, ariko wigane ivyiza. Umuntu wese akora ivyiza ava ku Mana. Umuntu wese akora ibibi ntarabona Imana.

12 Demetiriyo avugwa neza na bose, nk’uko ukuri na kwo kumushingira intahe. Natwe tumuvuga neza kandi urazi ko intahe yacu ari iy’ukuri.

13 Mfise vyinshi nshaka kukubwira, ariko sinshaka kubikwandikira.

14 Nizeye ko tuzobonana vuba, tukavugana amaso mu yandi.

15 Amahoro abane na we. Abakunzi turi kumwe barakuramutsa. Undamukirize abakunzi muri kumwe, umwe wese ku giti ciwe.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ