Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

2 Timoteyo 2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Pawulo asubira guhanura Timoteyo

1 None rero na we, mwana wanje, ugirire inkomezi mu buntu turonkera muri Kristo Yesu.

2 Kandi ivyo wanyumvanye hari ivyabona vyinshi, uzovyigishe abantu b’ukwizerwa, na bo bazoshobora kuvyigisha abandi.

3 Wifatanye nanje mu kwihanganira imibabaro, nk’umusoda mwiza wa Kristo Yesu.

4 Ntawahawe kuba umusoda abandanya yivanga mu vy’ubuzima busanzwe ashobora guhimbara umukuru wiwe.

5 Ni co kimwe n’umunonotsi, ntashobora koronka agashimwe kiretse yahiganwe akurikije amategeko.

6 Uwaruhiye kw’isuka ni we yari akwiye kuba uwa mbere mu kurya ivyeze vyo mu mwimbu wiwe.

7 Ufate akanya wiyumvire ku vyo ndiko ndakubarira, Umwami Imana azoguha gutahura muri vyose.

8 Wame wibuka Yesu Kristo yazutse mu bapfuye, yavuye mu muryango wa Dawidi, nk’uko Ubutumwa nahawe buvuga. Ubwo ni bwo mbabarizwa,

9 gushika aho mbohwa nk’umwicanyi. Ariko ijambo ry’Imana ryo ntiribohwa.

10 Ni co gituma nihanganira vyose ku bw’abatoranijwe, kugira ngo na bo baronke agakiza kari muri Kristo Yesu, hamwe n’ubwiza butazoshira.

11 Iri jambo ni iryo kwizera: “Nitwapfana na we, tuzobana bazima na we.

12 Nitwihangana, tuzoganzanya na we. Nitwamwihakana, na we azotwihakana.

13 Naho tutoba abizigirwa, we aguma ari umwizigirwa, kuko ntashobora kwivuguruza.”


Ivy’abigisha b’ibinyoma

14 Ibi uzokwame ivyibutsa abantu, ubihanikiririza mu nyonga z’Imana ngo bareke guharirira ku majambo, kuko ata kimazi bifise, kandi bishobora kugwisha abavyumva.

15 Ukore ibishoboka vyose kugira ngo wame ugaragara nk’uwemewe imbere y’Imana, nk’umukozi anezerererwa igikorwa ciwe, kandi asigura neza ijambo ry’ukuri.

16 Wirinde ibiyago vy’ubupfu, kuko abavyamamwo bibatwara mu kutubaha Imana.

17 Inyigisho zabo zikwiragira nka kanseri mu mubiri. Muri bo harimwo Himenayusi na Filetusi.

18 Bataye inzira y’ukuri, bigisha ko izuka ry’abapfuye ryamaze kuba, maze basambura ukwizera kwa bamwe.

19 Ariko, imfatiro zikomeye zashizweho n’Imana zirashimangiye. Zanditsweko aya majambo ngo: “Uhoraho arazi abiwe”; kandi ngo: “Abatura izina ry’Uhoraho bose bave mu kugabitanya.”

20 Mu nzu nini ntihabamwo gusa ibikoresho bikozwe mu nzahabu canke mw’ifeza, habamwo n’ibikozwe mu biti, no mw’ibumba. Kandi bimwe vyagenewe gukoreshwa ivy’icubahiro, ibindi na vyo vyagenwe gukoreshwa ibikorwa bisanzwe.

21 Umuntu niyiyeza, azoba igikoresho c’icubahiro, cejejwe, kigirira akamaro nyene co, kandi giteguruwe gukora igikora ciza cose.

22 Uhunge ivyipfuzo bibi vy’ubusore, urondere ukugororoka, ukwizera, urukundo n’amahoro, wifatanije n’abambaza Umwami Imana n’imitima itanduye.

23 Wirinde ibihari vy’ubupfu ata kindi bishikanako atari induru.

24 Kandi umukozi w’Imana ntaharira, ahubwo agira ubugwaneza kuri bose, ashoboye kwigisha, yihanganira abanyabihari.

25 Abamugwanya abigisha mu bugwaneza, yizigiye ko Imana ishobora kubaha ukwihana gushobora kubashikana ku kumenya ukuri,

26 maze bakabona kwisubirako, bakava mu mutego wa Satani, kuko baba bagizwe imbohe zo gukora ivyo ashaka vyose.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ