Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

1 Yohana 4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Impwemu y’Imana n’impwemu ya Antikristo

1 Bakundwa, ntimukizere abantu bose avuga ko bavugishwa. Ariko mubageze kugira ngo murabe ko impwemu ibakoresha iva ku Mana. Kuko hari abavugishwa b’ibinyoma benshi bakwiragiye mw’isi.

2 Iki ni co cerekana ko bafise Mpwemu w’Imana: umuntu wese avuga ko avugishwa n’Imana, akemera ko Yesu Kristo yaje yambaye umubiri, uwo aba akoreshwa na Mpwemu w’Imana.

3 Ariko umuntu avuga ko avugishwa n’Imana ariko ntiyature Yesu, uwo ntava ku Mana. Umuntu nk’uwo afise impwemu ya antikristo, uwo mwumvise ko azoza kandi aramaze gushika mw’isi.

4 Ariko mwebwe, bana nkunda, muva ku Mana kandi mwaranesheje abo bavugishwa b’ibinyoma, kuko Mpwemu aba muri mwebwe aruta impwemu iri mu b’isi.

5 Abo bavugishwa b’ibinyoma ni ab’isi ni co gituma bavuga nk’ab’isi kandi isi irabumviriza.

6 Twebwe turi ab’Imana, kandi abazi Imana baratwumviriza; ariko abatari ab’Imana ntibatwumviriza. Uko ni ko dushobora gutandukanya umuntu afise Impwemu y’ukuri n’umuntu afise impwemu y’ibinyoma.


Imana ni urukundo

7 Bakundwa, muze dukundane, kuko urukundo ruva ku Mana. Umuntu wese akundana yavyawe n’Imana kandi arayizi.

8 Umuntu wese adakundana ntazi Imana, kuko Imana ni urukundo.

9 Uku ni ko Imana yatweretse urukundo rwinshi idukunda: yatumye umwana wayo w’ikinege mw’isi kugira ngo tugire ubugingo budashira ku bwiwe.

10 Icerekana urwo rukundo ni iki: si twebwe twakunze Imana, ahubwo ni yo yadukunze itanga umwana wayo nk’ikimazi kugira ngo duharirwe ivyaha vyacu.

11 Bakundwa, ko Imana yadukunze urukundo rungana gutyo, natwe dukwiye gukundana.

12 Nta muntu n’umwe arabona Imana; ariko iyo dukundana, Imana iba muri twebwe kandi urukundo rwayo rwiyerekanira muri twebwe mu buryo busagutse.

13 Ikitwereka ko tuguma mu Mana na yo ikaguma muri twebwe ni Mpwemu yaduhaye.

14 Vyongeye, twariboneye kandi turashinga intahe ko Data yarungitse Umwana wiwe kugira ngo abe Umukiza w’isi.

15 Umuntu wese yemera ko Yesu ari Umwana w’Imana, Imana iba muri we na we akaba muri yo.

16 Turazi urukundo Imana yadukunze kandi twashize ivyizigiro vyacu mu rukundo rwayo. Imana ni urukundo. Umuntu wese aba mu rukundo aba mu Mana na yo ikaba muri we.

17 Kandi uko tuba mu Mana, urukundo rwacu rurushiriza kuba urwuzuye. Ivyo bituma tutazogira ubwoba ku musi w’imanza, kuko muri ino si tubayeho nk’uko Yesu Kristo yabayeho.

18 Nta bwoba buba mu rukundo. Urukundo nyakuri rwirukana ubwoba bwose, kuko ubwoba buterwa no gutinya igihano. Umuntu atinya ntaba azi urukundo rushitse.

19 Twebwe dukunda kuko Imana yabanje kudukunda.

20 Umuntu wese avuga ko akunda Imana ariko akanka mwene Data wundi, uwo ni umubeshi. Kuko umuntu adakunda mwene Data abona, ntashobora gukunda Imana atabona.

21 Kandi ibwirizwa yaduhaye ni iri: umuntu akunda Imana atagerezwa gukunda bene Data.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ