Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 9:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Ingoro yanje nzoyisagaza impande zose, ndayibuze igitero, kugira ngo ntihagire ūhaca aja irya cank’ agaruka, kugira ng’ uwabatwaza ituntu ntiyongere kubaca hagati: kuko noneho mvyiboneye n’amaso yanje.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 9:8
39 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kumbure Uhoraho azorāba ayo mbonye, ampe ivyiza mu gishingo c’iyo mivumo mvumwe uyu musi.


Ngw Azozigama uyu murwa kugira ngw awukize, abikoze kubgiwe no kubg’ umusavyi wiwe Dawidi.


Ku ngoma yiwe Farawo‐neko umwami wa Egiputa aradūga aja gutera umwami w’i Ashuri ku ruzi Efurate; maz’ umwami Yosiya aja kumutega ngw amurwanye; ariko bakirumanira i Megido, Farawo‐neko amutsindaho.


Ku ngoma ya Yehoyakimu, Nebukadineza umwami w’i Babuloni arabatera; Yehoyakimu aramwisaba, amara imyaka itatu aganzwa na we; araheza aramuhinduka, aramugarariza.


Umumarayika w’Uhoraho ashagaje impande zose z’ abamwubaha, Akabarokora.


Azocira imanza abagorwa bo mu bantu, Akize abana b’abakene, Avunagure umunyagahahazo.


Uhoraho aramubarira, ati N’ukuri abantu banje bari muri Egiputa nabonye amarushwa barimwo, numvise gutaka kwabo batakishwa n’ababakoresha babahindagiza; kuko nzi imibabaro yabo,


Nuko none ehe rāba, ugutaka kw’Abisirayeli kwanshitseko, kandi nabonye agahahazo Abanyegiputa babahahaza.


Ntuzotinya ubgoba bga giturumbuka, Cank’ ukuzingazingwa kw’ abanyavyaha ni kwashika:


Kur’ uwo musi iyi ndirimbo izoririmbirwa mu gihugu ca Yuda, ngo Dufise igisagara gikomeye; Imana izoshirah’ agakiza kabe inzitiro n’ibihome bidukīngīra.


Nk’ukw inyoni zizengerera hejuru y’ivyari vyazo, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo azorinda Yerusalemu; azoharinda ahakize, azohaca hejuru aharokore.


Kandi hejuru y’inzu yose yo ku musozi Siyoni no ku makoraniro yaho Uhoraho azoharemera igicu n’umwotsi ku murango, no guca ibikēke kw’umuriro waka mw ijoro: kuko hejuru y’ubgiza bgose hazobah’ igitwikira.


Ikangure, ikangure, wambare inkomezi zawe, ewe Siyoni; ambara imyambaro yawe ishajije, ewe Yerusalemu wa murwa wera; kuk’ uhereye none muri wewe hatazoshika ūtākebge cank’ igihumane.


Kuko mutazovayo mwihuta, canke ngo mugende nk’abahunga: kuk’ Uhoraho azobaja imbere; Imana y’Abisirayeli izobīmiriza.


Uzoshikamishwa n’ukugororoka; uguhahazwa kuzokuba kure, nta co uzotinya; bo n’ibitera ubgoba, kuko bitazokwēgēra.


Umuryano ntuzokwumvikana ukundi mu gihugu cawe, bo n’ukugeseza n’ ugutikiza mu ngabano zawe; arikw inzitiro zawe uzozīta Gakiza, n’amarembo yawe uzoyīta Mpundu.


Bazoza baririmbire ku mpinga y’i Siyoni, bazohondogana bose hamwe, baja ku vyiza vy’Uhoraho, ni vyo ngano na vino n’amavuta n’imyagazi y’imikuku n’inyana z’amasho. Imitima yabo izomera nk’indimiro ikwegewemw’ umwuzi; nta ho bazogira umubabaro ukundi.


Ijambo Uhoraho yabariye Yeremiya ūvugishwa na we, ry’ ingene Nebukadineza umwami w’i Babuloni azoza gutera igihugu ca Egiputa.


Ku vya Egiputa: amajambo yo ku vy’ingabo za Farawo‐Neko umwami wa Egiputa, zari ku nkengera y’uruzi Efurate i Karukemeshi, izo Nebukadineza umwami w’i Babuloni yanesheje mu mwaka ugira kane Yehoyakimu mwene Yosiya umwami w’i Buyuda ari ku ngoma.


canke ngo nongere kubahisha mu nyonga hanje; kuko nzoba nasutse Mpwemu wanje ku nzu ya Isirayeli, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Kandi nzobateragira mu gihugu cabo, ntibazosubira kurandurwa mu gihugu cabo nabahaye, ni k’Uhoraho Imana yawe igize.


Kur’ uwo musi, ni k’Uhoraho agize, nzogwisha igihūmura ifarasi yose, kand’ ūri kuri yo nzomutēza ibisazi. Nzosubiza amaso ku nzu ya Yuda, kand’ ifarasi yose y’amahanga nzoyitēza uruhumyi.


Kur’ uwo musi Uhoraho azokīranira ababa i Yerusalemu; umunyantege nke wo muri bo kur’ uwo musi azomera nka Dawidi; kand’ inzu ya Dawidi izomera nk’Imana, nk’ umumarayika w’Uhoraho ar’ imbere yabo.


Maz’ abantu bazohagerēra, kandi nta muvumo uzoba ukiriho; ariko Yerusalemu hazokwibēra amahoro.


Umufilisitiya nzomuhanagura amaraso mu kanwa, ndamukūre n’ibizira mu menyo; na we azoba indokorano ku Mana yacu, abe nk’umutware w’i Buyuda, kand’ uwo muri Ekuroni azoba nk’Umuyebusi.


N’ukuri abantu banje bari muri Egiputa nabonye amarushwa barimwo, numvise umuniho wabo, none mmanukanywe no kubarokora: kandi none n’uze ndagutume muri Egiputa.


Baradūga bakwira isi yose, bakikiza ah’ ingabo z’abera zishagaje, na ca gisagara gikundwa. Umuriro uratibuka uvuye mw ijuru, urabarigata.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ