Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 9:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Umufilisitiya nzomuhanagura amaraso mu kanwa, ndamukūre n’ibizira mu menyo; na we azoba indokorano ku Mana yacu, abe nk’umutware w’i Buyuda, kand’ uwo muri Ekuroni azoba nk’Umuyebusi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 9:7
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kandi Kanani ni we yakomōtsweko n’Abayebusi n’Abamori n’Abagirugashi,


Imana ituma umumarayika i Yerusalemu ngw ahageseze; maz’ akigira ngw ahageseze, Uhoraho aravyitegereza, arīgarura, abuza ivyo vyago, abarira uwo mumarayika yageseza, ati Birahaye: garukana ukuboko kwawe. Kand’ uwo mumarayika w’ Uhoraho yar’ ahagaze i ruhande y’imbuga ya Orunani Umuyebusi.


Uhoraho we, haguruka: Mana yanje we, nkiza: Kuko wakubise abansi banje bose mu musaya, Wahongoye amenyo y’ababi.


Mana, ubavune amenyo mu kanwa kabo: Uhoraho, uhongagure amajigo y’iyo migunza y’intambge.


bakicara hagati y’imva, bakarāra mu bitabo ahihishije; bakarya inyama z’ingurube, kandi mu nzavya zabo hakabamw’ umufa w’inyama z’ibizira;


Yamara nzotuma ab’i Mowabu bahindukira bave mu kinyago mu misi yo hanyuma, ni k’Uhoraho agize. Ivy’ iteka Mowabu haciriwe bigarukiye aho.


Yamara mu misi yo hanyuma nzotuma Abelamu bahindukira bave mu kinyago, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Ariko hanyuma nzotuma Abamoni bahindukira bave mu kinyago, ni k’Uhoraho agize.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Nk’uk’ umwungere yaka intambge amaguru abiri cank’ igice c’ugutwi mu kanwa kayo, ni ko n’Abisirayeli bazorokorwa, bībereye i Samariya bīdibamiye ku misezero, no ku misego y’amahariri ku buriri.


Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Mur’ iyo misi abantu cumi bazova mu mahanga y’indimi zidahwanye, bafate umutwe w’impuzu y’Umuyuda, bamubgire, bati Turajana, kuko twumvise yukw Imana iri kumwe namwe.


Ikivyarwa ni co kizogazagaza muri Ashidodi, kand’ Abafilisitiya nzobamara amanyama.


Ingoro yanje nzoyisagaza impande zose, ndayibuze igitero, kugira ngo ntihagire ūhaca aja irya cank’ agaruka, kugira ng’ uwabatwaza ituntu ntiyongere kubaca hagati: kuko noneho mvyiboneye n’amaso yanje.


Ntihashobora kuba Umuyuda cank’ Umugiriki, ntihashobora kuba umugurano cank’ uwidegemvya, ntihashobora kuba umugabo cank’ umugore; kuko mwese mur’ umwe muri Kristo Yesu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ