Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 9:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Yamar’ Umwami Imana azobakomvora, azoshiburira ububasha bgaho mu kiyaga, hatōngōrwe n’umuriro.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 9:4
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Itunga rironkeshejwe ubugunge ntirigira ikimazi, Arik’ ubugororotsi bukūra mu rupfu.


Itunga ntirigira ikimazi ku musi w’uburake, Arik’ ubugororotsi bukūra mu rupfu.


Yabānguye ukuboko hejuru y’ikiyaga, anyiganyiza ibihugu vy’abami; Uhoraho agera ivy’ i Kanani ngo bakomvomvore ibihome vyaho.


Kandi bazocura intimba bakuririra, bakubgire, bat’ Ewe kuntu ugeseye, wewe wahora ubābgamwo n’abagenda uruja n’uruza mu kiyaga, war’ igisagara rurangiranwa, kandi war’ agakomeye ku kiyaga, mwe n’abākubamwo, abāhora bateye ubgoba ababa ku kiyaga nyene!


Ibitayega vy’ibidandazwa vyawe vyatumye wuzura umuryano, maz’ uracumura: ni co catumye nguhinda nk’igihumane, nkagukūra ku musozi w’Imana; narakugesheje, yewe mukerubi ushānje amababa, ngukūra hagati ya ya mabuye yaka umuriro.


Kubg’ isinzi ry’ ibicumuro vyawe n’ubugunge bg’ ukudandaza kwawe, wahumanije ahēra hawe; ni co catumye ntuma umuriro uvuye muri wewe ukuyigiza, nkakugira umunyota urunze hasi imbere y’abo wabereye akabarore.


riti Mwana w’umuntu, barira segaba w’i Tiro, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Umutima wawe ko wishize hejuru, kand’ ukavuga, ng’ ur’ Imana, ng’ uvyagiye ku ntebe y’Imana hagati mu kiyaga; yamar’ ur’ umuntu buntu, ntur’ Imana, naho mu mutima wawe wigereranya na yo;


Bazokumanura bakurokeze muri rwa rwobo; kand’ uzopfa urupfu rw’ abaguye mw idamba mu kiyaga.


Namwe abahungu banyu n’abakobga banyu nzobagura n’ab’i Buyuda, na bo bazobagura n’abantu b’i Sheba, ihanga rya kure: kukw ari jewe Uhoraho mbivuze.


Nuko nzokwanda umuriro uruzitiro rw’i Tiro, utongore ingoro zaho.


Ababa muri Ashikeloni bazobirāba batinye, n’ababa i Gaza na bo, bazoja mu kajembegete; kand’ ababa muri Ekuroni ivyo bari bishimiye bizobatītūkana; kand’ i Gaza bazobura umwami, no muri Ashikeloni abantu bazohashira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ