Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 9:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 I Tiro biyubakiye igihome, bīrundira amafeza nk’umukungugu, bo n’amazahabu y’indobanurwa nk’ivyondo vyo mu nzira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 9:3
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

baca kw iboma ry’i Tiro no mu bisagara vyose vy’Abahiwi n’ivy’ Abanyakanani, bagarukira i Beri‐sheba i bumanuko bg’i Buyuda.


Kand’ ibintu vyose vy’umwami Salomo vyo kunywesha vyar’ ivy’ izahabu, n’ ibikoreshwa vyose vyo mur’ iyo nzu yitwa iy’ Ikibira c’i Lebanoni vyar’ ivy’ izahabu iramuye; nta citwa ic’ ifeza cariho, kuko ku ngoma ya Salomo ifeza ata co bāyiyumvirako.


Amafeza umwami yararushe ayahindura nk’amabuye i Yerusalemu, n’ibiti vy’amasederi bihinduka nk’ivy’ imisukomora vyo mu biyaya mu kuba vyinshi.


Rekurira itunga ryawe mu mukungugu, N’izahabu yavuye muri Ofiru uyirekurire mu mabuye yo mu migezi;


Naho yotekeranya amafeza nk’ umukungugu, Akirundaniriza imyambaro nk’ibumba;


Canke mba ndi kumwe n’ abaganwa bāri bafise izahabu, Bakuzuza amazu yabo ifeza;


Yabānguye ukuboko hejuru y’ikiyaga, anyiganyiza ibihugu vy’abami; Uhoraho agera ivy’ i Kanani ngo bakomvomvore ibihome vyaho.


Ni nde yagabiye kugirira Tiro ivyo, kand’ ar’ igisagara cambika ibitsibo, abadandaza baho bakaba abahambaye, n’abahanjo baho bakaba ar’ abanyacubahiro mw isi?


Ubutunzi bgawe bazobugira inyagano, basahure n’ibidandazwa vyawe; kandi bazosangangura inzitiro zawe z’ amabuye, bahomvagure n’amazu yawe ahimbaye; maz’ amabuye n’ibiti n’umukungugu vy’amasakamburira yawe bazobishiburira mu kiyaga.


Ubutunzi bgawe, n’ ibishōrano vyawe, n’ibidandazwa vyawe, n’abasoza bawe, n’abagutumbereza nk’ubgato, n’abahomyi bawe b’imiguma, n’abakudandariza ibidandazwa vyawe, n’abahizi bawe bose bari muri wewe, mbere n’abanyabgato bawe bose bari hagati muri wewe, bizodobera mw idamba mu kiyaga ku musi wo kugesezwa kwawe.


Hamwe ibishōrano vyawe vyahora biza bivuye mu kiyaga, wahāza amahanga menshi; watungisha abami bo mw isi ibitayega vy’ubutunzi bgawe n’ivy’ ibidandazwa vyawe.


Igihe ikiyaga cagusāvya, ukadobera i bgina mu mazi, ibidandazwa vyawe n’abanyabgato bawe bose vyadoberanye nawe.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Tiro, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bajanye ihanga ryose ar’ inyagano, bakabashora ku Banyedomu, ntibibuke isezerano ry’ umuvukano.


maz’ urwo rubibe rugakevya rugaca i Rama, rugashika no ku gisagara c’i Tiro kizitijwe uruzitiro rw’amabuye; rugaheza rugakebereza i Hosa, rukagarukira ku kiyaga. Batwara na Mahalabu na Akizibu,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ