Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 9:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 irishinge n’i Hamati hahereranye na ho, bo n’i Tiro n’i Sidoni, nah’ ar’ abanyabgenge bginshi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 9:2
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

riti Va hasi, uje i Zarefati mu ntāra y’Abasidoni, abe ari ho uba; rāba ngeze umugore w’ umupfakazi waho kuzokwama akugaburira.


Bukeye Farawo‐neko amuta mu ngoyi amubohera i Ribula mu gihugu c’i Hamati, amukūra ku ngoma i Yerusalemu; igihugu ciwe agicira iciru c’italanto ijana z’ifeza n’italanto imwe y’izahabu.


Umwami w’i Babuloni arabazibagura, abatsinda ngaho nyene i Ribula, mu ntāra y’i Hamati. Uko ni kw Abayuda bajanywekw inyagano, bakūrwa mu gihugu cabo.


nkiramiza n’abami bose b’i Tiro n’abami bose b’i Sidoni, n’ abami b’ikizinga co hirya mu kiyaga,


kuk’ umusi ugira uze wo kuzonyagwako kw’Abafilisitiya bose, wo kuzorandura umutabazi wese azoba agisigaye muri Tiro n’i Sidoni: kuk’ Uhoraho azonyaga Abafilisitiya, n’amasigarira yo ku kizinga co mu kiyaga citwa Kafutori.


Ivy’ i Damasiko. I Hamati haratēterewe, bo n’i Arupadi; kuko humvise inkuru mbi, harashonga: ku kiyaga hahagaritse umutima, ntihashobora gutēkāna.


riti Mwana w’umuntu, cura intimba uririre umwami w’i Tiro, umubgire, ut’ Uku ni k’ Umwami Uhoraho agize, ati Ni wewe war’ akaminuza ka vyose, wuzuye ubgenge, ukaba mwiza vy’agahore.


n’i Hamati, n’i Berota, n’i Siburayimu ho hagati y’urugabano rw’i Damasiko n’urugabano rw’i Hamati, n’i Hazeri‐hatikoni hahera ku rugabano rw’i Hawurani.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Damasiko, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bāhūraguje i Gileyadi ibibando vy’ivyuma:


Arikw ehe rāba, nzobahagurukiriza ihanga, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli, ni k’Uhoraho Imana Nyen’ ingabo agize; kandi rizobatunatuna, uhereye ahafata i Hamati ugashitsa ku kagezi gaca mu kiyaya Araba.


Kand’ abo mur’ izo ngabo z’Abisirayeli bāgiye mu Banyakanani ar’ inyagano, bazokwegukira igihugu gushitsa i Zarefati: n’ ab’ i Yerusalemu bājanywe ar’ inyagano, bar’ i Sefaradi, bazokwegukira ibisagara vy’i bumanuko.


Nuko baradūga, batata ico gihugu, bahereye mu bugaragwa bg’i Zini, bashitsa i Rehobu, hahereranye n’ahafata i Hamati.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ