16 Maz’ uwo musi Uhoraho Imana yabo azobakiza nk’umukuku, ni wo bantu biwe; kuko bazoba nk’utubuyenge two ku gitsibo, dukayanganira hejuru y’igihugu ciwe.
Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwa mahanga, muvyamamaze mu bizinga vya kure mu kiyaga: muvuge, mut’ Uwashwiragije Abisirayeli ni we azobatororokanya, abazigame, nk’uk’ umwungere agirira umukuku wiwe.
Nk’ uk’ umwungere abariritsa umukuku wiwe mu gihe ari mu ntama ziwe zāsābagiriye kure, ni ko nanje nzobariritsa intama zanje; nzozikiza ndazikūre ahantu hose zāsābagiriye ku musi wo gufurangana w’ubgirakabiri.
Ragiza abantu bawe inyobozo yawe, ari bo mukuku wawe wīzīziye, bībēra ukwabo mu kibira co hagati kuri Karumeli: barishe i Bashani n’i Gileyadi, nko mu gihe ca kera.