Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 9:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Maz’ uwo musi Uhoraho Imana yabo azobakiza nk’umukuku, ni wo bantu biwe; kuko bazoba nk’utubuyenge two ku gitsibo, dukayanganira hejuru y’igihugu ciwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 9:16
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mumenye yuk’ Uhoraho ari we Mana: Ni we yaturemye, natwe tur’ abiwe, Tur’ abantu biwe, tur’ intama zo mu canya ciwe.


Utwo tubuyenge tunganye igitigiri n’amazina y’ abana ba Isirayeli: tube icumi na tubiri nk’ukw amazina yabo ar’ icumi n’abiri: tumere nk’utubuyenge two kudoma ibimenyetso, tugende twandikwakw izina mu buryo bgo guca amagarwe, tube utw’ iyo miryango ukw ar’ icumi n’ibiri.


Kand’ uze wābīre utubuyenge tubiri twitwa shohamu, utwandikekw amazina y’abana ba Isirayeli mu buryo bgo guca amagarwe.


Eh’ Uhoraho Imana azoza afise ubushobozi, kand’ ukuboko kwiwe kuzomutwarira: rāba, azoza azanye impēra, kand’ inyishu yiwe ir’ imbere yiwe.


Iminara yawe nzoyubakisha amabuye atukura, n’ ibirimba vyawe nzovyubakisha amabuye akayangana, kand’ uruzitiro rwawe rwose nzorwubakisha ay’ igiciro.


abahungu b’abāguhahaza bazoza bakubite inkoro hasi imbere yawe, n’abāgukēngēra bīkubite imbere y’ibirenge vyawe, bakwite Umurwa w’Uhoraho, Siyoni h’Uwera w’Abisirayeli.


Amahanga azoza ku muco wawe, n’abami bazoza ku gukayangana kwawe.


Kand’ uzoba igitsibo c’ubgiza mu kuboko kw’Uhoraho, n’umugāra w’ ubgami mu kuboko kw’Imana yawe.


Kandi nzokoraniriza hamwe amasigarira y’ umukuku wanje, ndazikūre mu bihugu vyose aho nazirukaniye, ndazigarukane ukundi gusha mu mpongore zazo; zizorondoka zigwire.


Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwa mahanga, muvyamamaze mu bizinga vya kure mu kiyaga: muvuge, mut’ Uwashwiragije Abisirayeli ni we azobatororokanya, abazigame, nk’uk’ umwungere agirira umukuku wiwe.


Kuk’ Uhoraho yagobotoye aba Yakobo, yabacunguye abakūra mu kuboko kw’uwabarusha inkomezi.


Kuk’ ukw ari k’Umwami Uhoraho agize, ati Rāba jewe, jewe ubganje, ndīgīriye kurondera intama zanje, ndazibariritse.


Nk’ uk’ umwungere abariritsa umukuku wiwe mu gihe ari mu ntama ziwe zāsābagiriye kure, ni ko nanje nzobariritsa intama zanje; nzozikiza ndazikūre ahantu hose zāsābagiriye ku musi wo gufurangana w’ubgirakabiri.


Kandi namwe ntama zanje, mwa ntama z’icibare canje, mur’ abantu, nanje nd’ Imana yanyu, ni k’ Umwami Uhoraho agize.


Azohagarara, aragire umukuku wiwe mu nkomezi z’Uhoraho, no mu cubahiro c’ izina ry’Uhoraho Imana yiwe: kandi bazokwībērah’ umugaramango; kukw ico gihe ubukuru bgiwe buzoshika ku mpera z’isi.


Ragiza abantu bawe inyobozo yawe, ari bo mukuku wawe wīzīziye, bībēra ukwabo mu kibira co hagati kuri Karumeli: barishe i Bashani n’i Gileyadi, nko mu gihe ca kera.


Ico gihe nzobacūra i muhira, mber’ ico gihe nzobakoraniriza hamwe: kuko nzobahindura ishimwe n’izina rya rurangiranwa mu moko yose yo kw isi, igihe nzogarukana abanyu bajanywe ar’ inyagano muvyibonera, ni k’Uhoraho agize.


Kur’ uwo musi, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, nzogusobanura, ewe Zerubabeli musavyi wanje, mwene Sheyalitiyeli, ni k’Uhoraho agize, nguhindure impeta nzohora ndomesha ikimenyetso: kuko nagutoranije, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Kandi nzokomeza inzu ya Yuda, nkize n’inzu ya Yosefu; nzobagarukana, kuko mbagiriye ikigongwe; bazomera nk’aho ntigeze kubaca, kuko jewe nd’Uhoraho Imana yabo, kandi nzobumva.


Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Mur’ iyo misi abantu cumi bazova mu mahanga y’indimi zidahwanye, bafate umutwe w’impuzu y’Umuyuda, bamubgire, bati Turajana, kuko twumvise yukw Imana iri kumwe namwe.


Yemwe mwa busho buto, ntimutinye: kuko So bimuhimbara kubaha ubgami.


Abābaye intama zanje bumva ijwi ryanje, nanje ndabazi, na bo barankurikira,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ