Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 9:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Ni muhindukirire igihome gikomeye, mwa mbohe ziri n’ivyizigiro: no kur’ uyu musi ndababgira ukuri yuko nzobashumbusha ibihetangabo kabiri.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 9:12
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yobu agisengera bagenzi biwe, Uhoraho amukūrak’ uburushwa bgiwe, amushumbusha ibingana n’ivyo yar’ afise ibihetangabo kabiri.


Bazokoranirizwa hamwe, nk’ ukw imbohe zikoranirizwa mu kazu k’i bgina, bugaranirwe mw ibohero; kand’ imisi myinshi ni yashira bazohanwa.


Kukw i kuzimu hadashobora kuguhimbaza, n’urupfu ntirushobora kugutazira, Kand’ abamanuka baja muri rwa rwobo ntibashobora kwishimira ukuri kwawe.


Muremēshe imitima y’ab’i Yerusalemu, mubabgire musemerera yukw intambara zaho zabangurukanye, k’ umwenda w’igicumuro cabo ushize, kukw ivyaha vyabo vyose babihaniwe kabiri n’ukuboko kw’ Uhoraho.


Kand’ ubgire imbohe, uti Ni musohoke; n’ abari mu mwiza, uti Ni museruke ahabona. Bazogenda barisha umwagambo ku mayira, kand’ ahār’ uruharabuga hejuru ku misozi hazobabera ivyanya.


Haguruka wikunkumure umukungugu, uheze uze wicare ewe Yerusalemu: wibohore imvuto zo mw izosi ryawe, ewe mukobga w’i Siyoni wajanywekw inyagano.


Kubg’ ukumāramāra kwanyu muzoshumbushwa kabiri; mu gishingo co gutētērwa muzonezererwa umugabane wanyu: ni co gituma mu gihugu canyu muzoshumbushwa kabiri, mugire umunezero utazoshira.


Wewe vyizigiro vy’Abisirayeli, umukiza wabo mu gihe c’ivyago, n’iki cotuma utubako nk’umuntu w’akavantara ari mu gihugu, canke nk’impirahisi yaka indāro y’ijoro rimwe?


Ewe Uhoraho, nkomezi zanje, gihome canje, buhungiro bganje ku musi w’amagorwa, amahanga azoza kuri wewe avuye mw isi yose iy’ iva ikagera, bavuge, bati Ba sogokuruza bacu nta kindi bārazwe atar’ ibinyoma n’ivy’ ubusa n’ibitagira ikimazi.


Ewe Uhoraho, vyizigiro vy’Abisirayeli, abagutaye bose bazorimarima; abakuvako bazokwandikwa mu mukungugu gusa, kuko bataye Uhoraho, ari we sōko y’amazi y’ ubugingo.


Kandi hazoba ivyizigiro vyo mw iherezo ryawe, ni k’Uhoraho agize; abana bawe bazosubira kugaruka mu gihugu cabo bgite.


Kuko hazoza umusi abama bagavye ku misozi ya Efurayimu bazosemerera, bati Ni muve hasi tudūge i Siyoni, dushengerere Uhoraho Imana yacu.


Ni mwumve ingene bahunga, bacika bava mu gihugu c’i Babuloni, ngo bamamaze i Siyoni uguhōra kw’Uhoraho Imana yacu, uguhōra yahōye urusengero rwiwe!


Uhoraho yerekanye ukugororoka kwacu; enda ni muze twamamaze i Siyoni igikorwa c’Uhoraho Imana yacu.


Nukw arambarira, ati Mwana w’umuntu, ayo magufa ni wo muryango wose wa Isirayeli: ehe baravuga, bat’ Amagufa yacu arūmye, n’ivyizigiro vyacu birabuze, turashize rwose.


Nzohamukomōrera imizabibu yiwe, ndamuhe ca kiyaya c’i Akori ngo kimubere irembo ry’ivyizigiro: na we azoharirimbira, nko mu gihe c’ubuto bgiwe, nko mu gihe yadūga, avuye mu gihugu ca Egiputa.


Maz’ Uhoraho azokwivugira i Siyoni, arangurure ijwi ar’ i Yerusalemu; ijuru n’isi bizotigita: arik’ Uhoraho azobera abantu biwe ubuhungiro, Abisirayeli ababere igihome co kubakingira.


Nawe, mutara wo kurābirak’ umukuku, umusozi w’umukobga w’i Siyoni, ya nganji izoza kuri wewe: imwe ya mbere izokugarukako, bga bgami bg’umukobga w’i Yerusalemu.


Uhoraho ni mwiza, n’ubuhungiro bgo ku musi w’amagorwa; kand’ arazi abamwizigira.


kugira ngo bibiri bidahinduka, ivyo Imana itabasha kubesheramwo, biduheshe kurema cane, twebge abashitse mu buhungiro, ni bgo kubangiriza ivyizigiro vyashizwe imbere yacu.


Ivyo vyizigiro tubifise nk’ikizirika umutima kigumye, gikomeye, cinjira hirya y’igihūzu gikīngiriye ahēra cane,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ