Kand’ ubgire imbohe, uti Ni musohoke; n’ abari mu mwiza, uti Ni museruke ahabona. Bazogenda barisha umwagambo ku mayira, kand’ ahār’ uruharabuga hejuru ku misozi hazobabera ivyanya.
Kubg’ ukumāramāra kwanyu muzoshumbushwa kabiri; mu gishingo co gutētērwa muzonezererwa umugabane wanyu: ni co gituma mu gihugu canyu muzoshumbushwa kabiri, mugire umunezero utazoshira.
Nzohamukomōrera imizabibu yiwe, ndamuhe ca kiyaya c’i Akori ngo kimubere irembo ry’ivyizigiro: na we azoharirimbira, nko mu gihe c’ubuto bgiwe, nko mu gihe yadūga, avuye mu gihugu ca Egiputa.