Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 9:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Muri Efurayimu nzohaca imikogote, n’i Yerusalemu nzohaca amafarasi, kand’ imiheto y’intambara izocibga. Uyo azobgira amahanga ivy’ amahoro, kand’ ubgami bgiwe buzohēra ku kiyaga bushike ku kindi, buhēre no kuri rwa Ruzi bushike ku mpera y’isi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 9:10
33 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze kur’ uwo musi nzosezerana isezerano n’ibikōko vyo mw ishamba, n’ibisīga vyo mu kirēre, n’ivyikwega hasi, kubganyu: kandi nzoca umuheto n’inkota n’intambara bibavire mu gihugu, ntume baryama amahoro.


Ariko nzogirira ikigongwe inzu ya Yuda, mbakize jewe Uhoraho Imana yabo; kandi sinzobakirisha umuheto, cank’ inkota, cank’ intambara, cank’ amafarasi, cank’ abayagenderako.


Umumarayika w’indwi avuza inzamba: mw ijuru hakurikira amajwi arenga, at’ Ubgami bg’isi buhindutse ubg’ Umwami wacu n’ubga Kristo wiwe, kand’ azohora ahangamye ibihe bitazoshira.


Azohagarara, aragire umukuku wiwe mu nkomezi z’Uhoraho, no mu cubahiro c’ izina ry’Uhoraho Imana yiwe: kandi bazokwībērah’ umugaramango; kukw ico gihe ubukuru bgiwe buzoshika ku mpera z’isi.


Kukw ihanga n’ubgami bitazokwemera kugukorera bizohona; ni koko ayo mahanga azogesezwa rwose.


aravuga, ati Kuba umushumba wanje, ugashira hejuru imiryango ya Yakobo, ukagarukana abarokotse b’Abisirayeli, ivyo ntibihāgije: ariko kandi ndagushizeho ng’ ube umuco wākira amahanga, kugira ngo n’ abo ku mpera y’isi ubashikirize agakiza kanje.


Ni co gituma tur’ intumwa mu gishingo ca Kristo, Imana isa n’ībingingira muri twebge. Turabinginga mu gishingo ca Kristo, mwuzure n’Imana.


Arikw ivyo vyose biva ku Mana, yatwiyujujeko kubga Kristo, ikaduha igikorwa co kugabura umwuzuzo,


Ijambo Imana yatumye ku Bisirayeli, ivugisha Yesu Kristo ubutumwa bgiza bg’amahoro, ni we Mwami wa bose;


kandi nzokwubika ingoma z’abami, mpenebereze ububasha bg’ubgami bg’amahanga; nzokwubika imikogote y’intambara n’abayigenderamwo, kand’ amafarasi azogwaho, bo n’abayagenderako, umuntu wese agwe yishwe n’inkota ya mugenzi we.


Maze kur’ uwo musi igishitsi ca Isayi kizoba gihagaritswe no kubera amoko ibendera, ico gishitsi ni co amahanga azobariritsa: kand’ uburuhukiro bgiwe buzogira icubahiro.


Izina ryiwe rizohorah’ ibihe bidashira, Izina ryiwe rizogira uruvyaro, izuba rikiriho: Abantu bazokwisabira umugisha wo guhwana na we, Amahanga yose azomwita umuhirwe.


Kuroranya imanza kuzotuma imisozi miremire N’uturambi bizanira abantu amahoro.


Ahantu hose muzokandagiza ibirenge hazoba ahanyu; urugabano rwanyu ruzohēra ku bugaragwa rushike i Lebanoni, ruhēre no kuri rwa ruzi, ari rwo Efurate, rushike ku kiyaga c’i burengerazuba.


Kandi Salomo yaganza ibihugu vyose vy’abami, uhereye kuri rwa ruzi Efurate, ugashitsa ku gihugu c’Abafilisitiya ukagarukira ku rubibe rwa Egiputa, bakāma bamuzanira amashikanwa, bakamusaba, igihe cose yabaye ku ngoma.


Hinge numve ivyo Imana, Uhoraho, igira ivuge: Kukw izobgira abantu bayo n’abakunzi bayo ivy’ amahoro; Ariko ntibaze basubire mu bupfu.


Azocira imanza amahanga, atātūre amoko menshi; inkota zabo bazozivunjamw’ amasuka, n’amacumu bazoyavunjamw’ inkero; nta hanga rizobangurira irindi hanga inkota, kandi ntibazokwiga kurwana ukundi.


Nawe, mutara wo kurābirak’ umukuku, umusozi w’umukobga w’i Siyoni, ya nganji izoza kuri wewe: imwe ya mbere izokugarukako, bga bgami bg’umukobga w’i Yerusalemu.


Azontakambira, ati Ni wewe Data, Imana yanje, igitandara c’ agakiza kanje.


Ni koko nzokwikwerera mu kuba umwizigirwa: nawe uzommenya jewe Uhoraho.


Ukuboko kwawe n’ukubangurire abarwanizi bawe, kand’ abansi bawe bose ni barandurwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ