Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 9:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Imbūri y’ijambo ry’Uhoraho yo ku gihugu c’i Haduraki, izoshinga ibande i Damasiko: kukw abantu bose, n’imiryango yose y’Abisirayeli, bahanze amaso Uhoraho;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 9:1
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aburamu ahenga mw ijoro, abantu biwe abacamw’ ibico, barabatera barabanesha, barabakinagiza gushitsa i Hoba, ahahera i bumoso bg’i Damasiko.


Ewe Mana yacu, mbega none ntiwobacirakw itēka? Kukw ata nkomezi dufise zo kurwanya ico gitero kingana girtyo kije kudutera, kandi turabuze ico twokora; ariko ni wewe duhanze amaso.


Vyose biguhanga amaso, Nawe ukabigaburira ivyo kurya vyavyo igihe kigeze.


Amaso yanje ahora ahanze k’Uhoraho, Kukw azokūra ibirenge vyanje mu mutego.


Imbūri yo kuri Babuloni, iyo Yesaya mwene Amosi yeretswe.


Uhoraho akumye impuzu ku kuboko kwiwe kwera mu maso y’amahanga yose, kand’ impera z’isi zose zizobona agakiza k’Imana yacu.


Ewe Uhoraho, nkomezi zanje, gihome canje, buhungiro bganje ku musi w’amagorwa, amahanga azoza kuri wewe avuye mw isi yose iy’ iva ikagera, bavuge, bati Ba sogokuruza bacu nta kindi bārazwe atar’ ibinyoma n’ivy’ ubusa n’ibitagira ikimazi.


ur’ umujanama ahambaye, ur’ umunyenkomezi mu bikorwa; inyonga zawe zītegereza ingeso zose z’abana b’abantu, kugira ng’ ugerere umuntu wese ibikwiranye n’ ingeso ziwe, n’ibikwiranye n’ivy’ ibikorwa vyiwe vyamuje.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Tiro, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bajanye ihanga ryose ar’ inyagano, bakabashora ku Banyedomu, ntibibuke isezerano ry’ umuvukano.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Nk’uk’ umwungere yaka intambge amaguru abiri cank’ igice c’ugutwi mu kanwa kayo, ni ko n’Abisirayeli bazorokorwa, bībereye i Samariya bīdibamiye ku misezero, no ku misego y’amahariri ku buriri.


Imbūri yo kuri Ninewe. Igitabo c’ivyo Nahumu Umwelekoshi yeretswe.


Mbega har’ uwogaya ibikir’ umugero ku musi w’intangamarāra? Bazonezerwa babonye karisho mu ntoke za Zerubabeli. Ya yandi ndwi ni zo nyonga z’Uhoraho, zinyuranganya mw isi yose hirya no hino.


Ndawurekuye, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, winjire mu nzu y’umusuma no mu nzu y’ūrahira izina ryanje ibinyoma; uzoguma hagati mu nzu y’ūmeze artyo, uyitikizanye n’ibiti n’amabuye biyubatse.


Imbūri y’ijambo ry’Uhoraho yo ku Bisirayeli, yatumwe Malaki.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ