Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 8:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Amaboko yanyu n’akomere, yemwe abumva mur’ iyi misi amajambo yavuzwe n’abavugishwa nanje bārih’ umusi itanguriro ryashirwaho ry’ingoro yanje, jewe Uhoraho Nyen’ ingabo, ni rwo rusengero, kugira ngo rwubakwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 8:9
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uko ni k’uzogira ubuhirwe, ni wagira umwete ukitondera amabgirizwa n’amatēka Uhoraho yashingiye Abisirayeli, akabishikiriza Mose. Nuko shikama, ushire amanga, ntutinye kandi nturanduke umutima.


Maze Dawidi abarira Salomo umuhungu wiwe, ati Shikama, ushire amanga, ubikore. Ntutinye, nturanduke umutima, kuk’ Uhoraho Imana, ari yo Mana yanje, azoba ari kumwe nawe; ntazoguhemukira, ntazoguta, gushitsa ah’ ibikorwa vyose bizokorwa kur’ iyo ngoro y’Uhoraho bizorangirira.


Ariko mweho mushikame, amaboko yanyu ntadendebukirwe, kukw ibikorwa vyanyu muzobihērwa ingero.


Nukw abakuru b’Abayuda bagira ikiganza ciza mu kwubaka, bafashijwe n’ukuvugishwa kwa Hagayi uwavugishwa n’Imana na Zekariya mwene Ido. Barayubaka iruzura, nk’ukw ibgirizwa ry’Imana y’ Abisirayeli ryashinze, kandi no kubg’ icagezwe ca Kuro na Dariyo, na Aritazeruzi umwami w’i Buperesi.


Mukomeze amaboko areganutse, mugumishe amavi aregarega.


Mubgire abahagaritse imitima, muti Rema, nta co mutinya: rāba, Imana yanyu izozanana n’uguhōra, ni kwo kwitura kw’Imana; izoza ibakize.


Mu mwaka ugira kabiri umwami Dariyo ari ku ngoma, mu kwezi kwa gatandatu, ku musi wakwo wa mbere, ijambo ry’Uhoraho ryavugiye muri Hagayi uwavugishwa na we, ritumwe kuri Zerubabeli icēgēra c’uwo mwami i Buyuda, mwene Sheyalitiyeli, no kuri Yosuwa umuherezi mukuru, mwene Yehozadaki,


Maze Zerubabeli mwene Sheyalitiyeli, na Yosuwa umuherezi mukuru mwene Yehozadaki, hamwe n’amasigarira yose yo mur’ iryo hanga, bumvira ijwi ry’ Uhoraho Imana yabo, n’amajambo ya Hagayi uwo yavugisha, nk’uk’ Uhoraho Imana yabo yamutumye; kand’ abantu baterwa n’ubgoba imbere y’Uhoraho.


Nuko ndabinginze, ni mwitegereze ivyabaye gushitsa uyu musi, gushitsa umusi wa mirongwibiri na kane w’ukwezi kw’icenda, mwitegereze n’ivyabaye uhereye umusi itanguriro ry’urusengero rw’ Uhoraho ryashirwaho.


riti Barira Zerubabeli, umwe atwara i Buyuda, uti Nzotigitisha ijuru n’isi:


Nuko, nk’uko mwari mu mahanga murik’ umuvumo, yemwe ab’ inzu ya Yuda, namwe ab’ inzu ya Isirayeli, ni ko nzobakiza, mubek’ umuhezagiro; ntimutinye, arikw amaboko yanyu n’akomere.


Maz’ ijambo ry’Uhoraho Nyen’ ingabo rinzako,


Ibisigaye, muremesherezwe mu Mwami wacu, no mu bushobozi bgiwe bginshi.


Weho mwana wanje, ugirire ubushobozi mu buntu buri muri Kristo Yesu,


Shikama, ushire amanga, kukw ari wewe uzoshikiriza abo bantu igihugu narahiye ba sekuruza ko nzokibaha.


Ibiri mur’ ico gitabo c’ivyagezwe ntuz’ ubikūre mu kanwa kawe; arik’ uze wame ubirīmbūra ku murango no mw ijoro, kugira ng’ubone kwitondera ivyanditswemwo vyose; ni ho ivyawe bizogenda neza, ukagira amahirwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ