Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 8:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 nzobazana basagaze hagati muri Yerusalemu; bazoba abantu banje, nanje nzoba Imana yabo mu kuri no mu bugororotsi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 8:8
30 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi wewe n’uruvyaro rwawe ruzovuka hanyuma, nzobaha iki gihugu wabayemw’ ur’ inyambukīra, ni co gihugu cose c’i Kanani, kuba ishamvu y’ibihe vyose: na bo nzoba Imana yabo.


iryo nihanikirije ba sogokuruza ku musi nabakūriye mu gihugu ca Egiputa, muri rya tanure rivugutira ivyuma, nti Ni munyumvire, mukore vyose ivyo mbagera: uko ni ko muzoba abantu banje, nanje nzoba Imana yanyu;


ariko bazorahira uguhoraho kwanje Uhoraho, ko nakūye uruvyaro rw’ab’ inzu ya Isirayeli mu gihugu c’i burārūko, nkabarōngōra, nkabakūra mu bihugu vyose aho nzoba narabirukaniye; kandi bazokwibera mu gihugu cabo bgite.


Kandi nzobaha umutima wo kummenya yuko nd’ Uhoraho: bazoba abantu banje, nanje nzoba Imana yabo, kuko bazongarukanak’ umutima wabo wose.


Kandi muzoba abantu banje, nanje nzoba Imana yanyu.


Ico gihe, ni k’Uhoraho agize, nzoba Imana y’imiryango yose y’Abisirayeli, na bo bazoba abantu banje.


Arikw iri ni ryo sezerano nzosezerana n’umuryango w’Abisirayeli hanyuma y’ iyo misi, ni jewe Uhoraho mbivuze; nzoshira ivyagezwe vyanje imbere muri bo, no mu mitima yabo ni ho nzovyandika; nanje nzobabera Imana, na bo bazoba abantu banje.


Mbere nzobanezererwa mbagirire neza, kandi nzobatēragira mur’ iki gihugu vy’ukuri, bivuye mu mutima wanje wose no mu mushaha wanje wose.


kand’ uzorahira uguhoraho kwanje Uhoraho mu vy’ukuri no mu biroranye no mu bugororotsi, maz’ amahanga azohezagiranira muri jewe, kandi ni jewe azokwirata.


ngo babone kugendera mu vyagezwe vyanje, no kwitondera amabgirizwa yanje ngo babishitse: maze bazoba ihanga ryanje, nanje nzoba Imana yabo.


Kandi muzokwibera mu gihugu nahaye ba sogokuruza, mube abantu banje, nanje mbe Imana yanyu.


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Umusi nzoboza ibigabitanyo vyanyu vyose nzotuma ibisagara bigerērwamwo, n’ amatongo yubakwe.


Bazoba mu gihugu nahaye umusavyi wanje Yakobo, aho ba sekuruza bāba: ni ho bazoba, bo n’abana babo n’abuzukuru babo, ibihe bidashira. Kandi Dawidi umusavyi wanje azoba umwami wabo gushitsa ibihe bidashira.


Ihema ryanje na ryo rizoba kumwe na bo; nanje nzoba Imana yabo, na bo bazoba abantu banje.


Bazoza bavuye muri Egiputa bahinda agashitsi nk’inyoni, no muri Ashuri bameze nk’inuma, kandi nzobabesha mu mazu yabo, ni k’Uhoraho agize.


Arikw i Buyuda hazokwamaho gushitsa ibihe bidashira, bo n’i Yerusalemu uk’ urunganwe ruzogenda rukurikirana.


Nzogendera hagati muri mwebge, mbe Imana yanyu, namwe mube abantu banje.


Nzokwongera mbatārūre no mu gihugu ca Egiputa, mbakoranye mbakūre muri Ashuri: maze mbashitse mu gihugu c’i Gileyadi n’i Lebanoni: mbere ntibazohakwirwa.


Kandi nzokomeza inzu ya Yuda, nkize n’inzu ya Yosefu; nzobagarukana, kuko mbagiriye ikigongwe; bazomera nk’aho ntigeze kubaca, kuko jewe nd’Uhoraho Imana yabo, kandi nzobumva.


Kand’ ico gice ca gatatu nzobacisha mu muriro wo mu ruganda, mbakūremw’ inkamba nk’uko bazikūra mw ifeza, mbageragereshe kubavugutira, nk’uko bagerageza izahabu: bazokwambaza izina ryanje, nanje nzobumva; nzovuga, nt’ Abo n’abantu banje, na bo bazovuga, bat’ Uhoraho ni we Mana yanje.


Kur’ uwo musi amahanga menshi azokwifatanya n’ Uhoraho, bacike abantu banje; nanje nzogerēra hagati muri wewe, nawe uzomenya yuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo yakuntumyeko.


Numva ijwi rirenga, rivuye kuri ya ntebe, rit’ Eh’ ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, kand’ izogerēra muri bo, na bo bazoba abantu bayo, kand’ Imana ubgayo izobana na bo, izoba Imana yabo.


Ūnesha azoragwa ivyo, nanje nzoba Imana yiwe, na we azoba umwana wanje.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ