7 Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Rāba, nzokiza abantu banje, mbakūre mu gihugu c’i burasirazuba no mu c’i burengerazuba,
ut’ Ariko ni mwampindukirira, mukitondera ivyagezwe vyanje mukabishitsa, nah’ abirukanywe bo muri mwebge bazoba bar’ iy’ ijuru riherera, uti Sinobura kubakūrayo nkabēgeranya, nkabazana ha hantu nitoranirije ngw izina ryanje rihabe.
Uhereye iy’ izuba rirasira ugashitsa iyo rirengera Izina ry’Uhoraho rikwiye gushimwa.
Uhoraho ni we yubaka Yerusalemu; Akoraniriza hamwe abāri bārasābagijwe bo mu Bisirayeli.
Inyabushobozi, Imana Rurema, Uhoraho aravuze; Ahamagaye isi, uhereye i burasirazuba, ugashitsa aho rirengera.
Ehe bamwe bazova kure: eh’ abandi bazova i burārūko n’i burengerazuba, kand’ abandi bazova mu gihugu c’i Sinimu.
Ni ho bazokwubaha izina ry’Uhoraho, uhereye i burengerazuba, n’icubahiro ciwe uhereye iyo rirasira: kukw azoza nk’uruzi rusēnyerana, rukubebga n’impwemu z’Uhoraho.
Ehe nzobazana mbakūye mu gihugu c’i burārūko, mbakoranirize hamwe mbakūye ku mpera z’ isi; kandi bazozanana n’impumyi n’ūcumbagira, n’umugore akuriwe hamwe n’ūramutswe: bazogaruka ino ar’ ishengero rinini.
Nuko rer’ uvuge, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Nzobakoranya mbakūre mu mahanga, kandi mbakoranirize hamwe mbakūye mu bihugu aho mwari mwarasābagirijwe, maze mbahe igihugu c’i Bgisirayeli.
Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Umusi nzoboza ibigabitanyo vyanyu vyose nzotuma ibisagara bigerērwamwo, n’ amatongo yubakwe.
Kandi nzokomeza inzu ya Yuda, nkize n’inzu ya Yosefu; nzobagarukana, kuko mbagiriye ikigongwe; bazomera nk’aho ntigeze kubaca, kuko jewe nd’Uhoraho Imana yabo, kandi nzobumva.
Kuk’ uhereye iy’ izuba rirasira ugashitsa iyo rirengera izina ryanje rirahambaye mu banyamahanga; kand’ ahantu hose barosereza izina ryanje imibavu, baranshikanira amashikanwa atunganye, kukw izina ryanje rihambaye mu banyamahanga, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.
Uhoraho Imana yanyu azotuma muhindukira, muve mu kinyago, abagirire ikigongwe, asubire kubakoraniriza hamwe, abakūye mu mahanga yose ah’ azoba yarabasābagirije.