6 Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Naho vyobera igikomeye amasigarira y’ubu bgoko azoba akiriho mur’ iyo misi, mbega nanje vyombera igikomeye? ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo abaza.
Mbega har’ ikinanira Uhoraho? Igihe gishinzwe, umwaka ugeze ah’ uyu ugeze, nzogaruka i wawe Sara yavyaye umuhungu.
Arik’ umugabisha uwo mwami yagenda yegamiye yishura uwo muntu w’ Imana, ati Mbeg’ Uhoraho naho yotobora amadirisha mw ijuru, ivyo vyoshoboka? Aramwishura, at’ Uzobirābisha amaso, ariko ntuzobiryako.
Ivyo vyavuye k’Uhoraho, Kandi n’igitangaza mu maso yacu.
nt’ Ewe Mwami Uhoraho! Erega ni wewe waremye ijuru n’isi, ubiremesha ubushobozi bgawe buhambaye, n’ukuboko kwawe kurāmvuye: nta kintu na kimwe kikunanira.
rit’ Ehe nd’ Uhoraho, Imana y’abariho bose: mbega har’ ikintu na kimwe kinnanira?
Yesu arabītegereza, arababgira, ati Kubg’ abantu ico ntigishoboka, ariko ku Mana vyose birashoboka.
Umve, uragobga ururimi, kandi ntuzoshobora kuvuga, kugeza ku musi ivyo bizoberako, kuk’ utemeye ijambo ryanje, rizoshika mu gihe caryo.
kukw ata jambo rivuye ku Mana ribura ububasha.
Maz’ arababgira, at’ Ibidashobokera abantu bishobokera Imana.