Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 8:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Hazoba igihe abatāma n’abatāmakazi bazokwongera kwiganamira ku bibuga vy’i Yerusalemu, umuntu wese azoba yishimikiza ikibando kubgo kwisāzira cane.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 8:4
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Yobu apfa yīsāziye, ageze mu zabukuru.


Uzoja mu mva wīsāziye neza, Nk’ikinyankinda bazana igihe kigeze.


amaze gusubira kuvyuka, akāndārira ku kibando, uwamukubise ntaze yicwe, arikw az’ amurihe imisi amaze arwaye, atekw amuvūze, kugeza akize neza.


Ni ho inkumi izonezerezwa n’ imvyino, n’abasore n’abatāma bose hamwe: kukw ikigandaro cabo nzogihindura umunezero, nzobīrūra, mbanezereze mbakūye mu mubabaro wabo.


Maz’ ab’ i Buyuda n’ibisagara vyaho vyose bazohasāsagara; bo n’abarimyi n’abaragiye imikuku.


aramubarira, at’ Irukanga, ubgire uwo musore, ut’ I Yerusalemu hazosubira gusagaza abantu nk’ibisagara bitazitiriwe, kukw abantu n’amasho bizohaba ari vyinshi.


Ariko mwegereye umusozi Siyoni, n’umurwa w’Imana nzima, Yeru salemu ho mw ijuru, n’ikoraniro rikuru ry’isinzi ry’abamarayika,


Ngw Ehe rāba, imisi igiye kuza, akūreh’ inkomezi zawe, n’iz’ ab’ inzu ya sogokuruza, hoye kugira uwo mu nzu yawe azoba agishika mu zabukuru.


Ngo Maze mu magorwa yawe uzotimamukira ivyiza azoba ahaye abandi Bisirayeli; ngo Kandi nta n’umwe wo mu nzu yawe azoba agishika mu zabukuru kugeza ibihe vyose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ