Zekariya 8:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)3 Uku ni k’Uhoraho agize, ati Ngarutse i Siyoni, ngerēre hagati y’i Yerusalemu; kandi Yerusalemu hazokwitwa Umurwa w’Umwizigirwa; kand’ umusozi w’Uhoraho Nyen’ ingabo uzokwitwa Umusozi wera. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Nuko bazozana bene wanyu bose babakūye mu mahanga yose kw ishikanwa ryanje Uhoraho, bazoza bagendera ku mafarasi no mu mikogote ikwegwa na yo, no mu nderuzo no ku nyumbu no ku ngamiya, bashike ku musozi wanje wera Yerusalemu, ni k’Uhoraho agize; bizoba nk’ ukw Abisirayeli bahora bazana amashikanwa yabo mu nzu yanje Uhoraho, bayazanye mu bintu bitunganye.
bati Mika w’i Moresheti yavugishwa n’Imana ku ngoma ya Hezekiya umwami w’i Buyuda; kandi yabariye abantu bose b’i Buyuda, at’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Siyoni hazosīzwa hahinduke nk’ubusīze, Yerusalemu hazohinduka ibirundo vy’ amasakamburira, n’umurwa wubatswekw iyi ngoro uzohinduka nk’ikibira kiri ku mpinga z’imisozi.
Igihugu cose kizohinduka ikiyaya, uhereye i Geba ugashitsa i Rimoni ahahera i bumanuko bg’ i Yerusalemu: kandi Yerusalemu hazoshirwa hejuru habe aho hāhoze, uhereye kw irembo ry’igisagara ryitwa irya Benyamini, ugashitsa ah’ irembo rya mbere ryāhoze, ugashitsa no kw irembo ryo ku nkokora, kand’ uhereye ku munara w’amabuye wa Hananeli ugashitsa ku māto yimbge hasi baganiramwo vino z’i bgami.