Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 8:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Ivyo mukwiye gukora n’ibi: Umuntu wese avugane ivy’ ukuri na mugenzi we, muce imanza ziroranye z’amahoro muri mu rukinja mu marembo yanyu:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 8:16
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

N’ūgendera mu bitunganye, agakora ivy’ ukugororoka, Akavuga ukuri mu mutima wiwe.


Inyonga z’Uhoraho ziri ku bagororotsi, N’amatwi yiwe ayabangira ugutakamba kwabo.


Ūvuga ukuri yerekana ukugororoka, Arikw icabona c’ibinyoma cerekana ubugunge.


Umunwa w’ukuri uzokomezwa gushitsa ibihe bidashira, Arik’ ururimi rw’ibinyoma n’urw’ akanya gato.


Ukugwira kw’ubutware bgiwe n’amahoro ntibizogira iherezo, ku ngoma ya Dawidi no ku bgami bgiwe, bibukomeze, bibushigikize guca imanza zibereye n’ukugororoka, uhereye none ugashitsa ibihe vyose. Umwete w’Uhoraho Nyen’ ingabo uzoshitsa ivyo.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Ni muce imanza ziroranye n’izigororotse, mukize ūnyazwe, mumukūre mu kuboko kw’ ūmuhahaza; ntimugirire nabi canke ngo muhahaze ingenzi n’ impfuvyi n’umupfakazi, canke ngo muvishirize aha hantu amaraso y’ abatācumuye.


akaba atāgurāniye kuzohabga ay’ inyungu, canke ngo yake ibirenzeko na bikeya, arikw agatinyisha ukuboko kwiwe ivyaha, agaca ururoranye ku muntu na mugenzi we,


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Birahāgije, yemwe ba segaba b’Abisirayeli: ni mureke umuryano no kunyaga, ni muce imanza zibereye n’iziroranye; mukūre ku bantu banje akadenderezo mubadendereza, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Ntimuze mwibe, ntimuze mugunge, canke ngo mubeshane.


Mwanke ibibi, mukunde ivyiza, mukomeze imanza zibereye mw ishikiro ry’igisagara: kumbure Uhoraho Imana Nyen’ ingabo azohangaza amasigarira ya Yosefu.


Arikw imanza ziroranye, reka zisendanishe nk’amazi, n’ukugororoka gusendanishe nk’ uruzi rudahōka.


Kukw abatunzi baho buzuye umuryano, n’abahaba bavuga ibinyoma, indimi zo mu kanwa kabo zirahendana.


Ko yakweretse iciza ic’ ari co, ga yewe muntu: mbega har’ ikindi Uhoraho akugombako, atar’ ugukora ibiroranye, no gukunda kugira imbabazi, no kugendana n’Imana yawe wicishije bugufi?


Amasigarira y’Abisirayeli ntibazokora ivyo kugabitanya, canke ngo bavuge ibinyoma, kandi nta rurimi rw’ubugunge ruzoboneka mu kanwa kabo: bazorisha bagaramange, ata wubateye ubgoba.


rit’ Uku ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo yagize, ati Ni muce imanza ziroranye, umuntu wese agirire mugenzi we imbabazi n’ikigongwe.


rit’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Ukwisonzesha kwo mu kwezi kwa kane, n’ukwo mu kwa gatanu n’ukwo mu kw’indwi n’ukwo mu kw’icumi, kuzocikira inzu ya Yuda umunezero no guhimbarwa n’imisi mikuru y’akanyamuneza: nuko rero mukunde ukuri n’amahoro.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Ngarutse i Siyoni, ngerēre hagati y’i Yerusalemu; kandi Yerusalemu hazokwitwa Umurwa w’Umwizigirwa; kand’ umusozi w’Uhoraho Nyen’ ingabo uzokwitwa Umusozi wera.


Hahirwa ababanguranya, kukw ari bo bazokwitwa abana b’Imana.


Ni co gituma mvuga ibi, nkabishingira intahe mu Mwami wacu, ngo ntimube mukigenda nk’ukw abanyamahanga bagenda, bagendera mu bitagira ikimazi vyo mu bgenge bgabo,


Maze mwiyambuye ibinyoma, umuntu wese avugane ivy’ ukuri na mugenzi we, kuko tur’ ingingo za bagenzi bacu.


ng’umuntu wese ntarenge ibikwiye, kandi ntagunge mwene Data wundi kur’ ivyo, kuk’ Umwami wacu ar’ umuhōzi kur’ ivyo vyose, nk’uko twababūriye tubishimikiye.


Arikw ibijora, n’abatizera, n’abakora ibizira, n’abicanyi, n’abashakanyi, n’abarozi, n’abasenga ibigirwamana, n’abanyabinyoma bose, umugabane wabo uzoba mu kiyaga caka umuriro n’amazuku, ni co rupfu rwa kabiri.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ