Kubg’ ukumāramāra kwanyu muzoshumbushwa kabiri; mu gishingo co gutētērwa muzonezererwa umugabane wanyu: ni co gituma mu gihugu canyu muzoshumbushwa kabiri, mugire umunezero utazoshira.
Mbere nzotuma abantu bagendagenda kuri mwebge, ni bo bantu banje b’Abisirayeli; namwe muzoba ishamvu yabo, mubabere umwandu, kandi nta ho muzosubira kubīcira abana ukundi.
Ni co gituma bazoba nk’igipfungu co mu gatondo‐tondo, kandi nk’urume ruta mu kanya gato, babe nk’ umuguruka utwawe n’agashururu, kandi nk’umwotsi ufumba uva mu ziko.
Nzokankamira ururyi kubganyu, ntirwonone imirima yo mu ndimiro zanyu; kandi n’umuzabibu wo mu ndimiro zanyu ntuzorūmba, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.