Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 8:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Kuko nzobiba amahoro; umuzabibu uzokwama inzabibu zawo, isi yimbuke ivyimburo vyayo, ikirēre kizane ikime caco; ivyo vyose nzobiha amasigarira y’ubu bgoko k’umwandu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 8:12
39 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Isaka abiba mur’ ico gihugu, mur’ uwo mwaka nyene yimbura ibirenze ivyo yabivye ingero ijana. Uhoraho amuha umugisha.


Nukw Imana iguhe ku kime kiva mw ijuru, No ku biboribori vyo mu ndimiro, Hakikimbe impeke na vino:


Bukeye Eliya w’i Tishubi, umwe mu bāgerereye i Gileyadi, aragenda abarira Ahabu, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, ari we nyene nsavye, yukw ata kime kizotonda cank’ imvura ngw ikoroke mur’ iyi myaka, atari jewe mbivuze.


Kuroranya imanza kuzotuma imisozi miremire N’uturambi bizanira abantu amahoro.


Kand’ Uhoraho azogaba ivyiza: Igihugu cacu kizokwimbuka ivyimburo vyaco.


Uburake bg’umwami ni nk’ ukwivuga kw’intambge, Arikw ineza yiwe ni nk’ikime gihēmbūra ivyatsi.


Kand’ azorekurira imvura imbuto muzobiba mu ndimiro, kand’ imihure ivuye mu ndimiro izoba inovereye yo gutunga amagara: ico gihe imikuku yanyu izorisha ivyanya binini.


Kubg’ ukumāramāra kwanyu muzoshumbushwa kabiri; mu gishingo co gutētērwa muzonezererwa umugabane wanyu: ni co gituma mu gihugu canyu muzoshumbushwa kabiri, mugire umunezero utazoshira.


Bazoza baririmbire ku mpinga y’i Siyoni, bazohondogana bose hamwe, baja ku vyiza vy’Uhoraho, ni vyo ngano na vino n’amavuta n’imyagazi y’imikuku n’inyana z’amasho. Imitima yabo izomera nk’indimiro ikwegewemw’ umwuzi; nta ho bazogira umubabaro ukundi.


Ntizizokwongera kuba inyagano z’abanyamahanga ukundi, cank’ ibikōko vyo kw isi ngo bizirotse; ariko zizokwibera amahoro, ata kiziteye ubgoba.


Mbere nzotuma abantu bagendagenda kuri mwebge, ni bo bantu banje b’Abisirayeli; namwe muzoba ishamvu yabo, mubabere umwandu, kandi nta ho muzosubira kubīcira abana ukundi.


Nzokikimvya ivyama ku biti biribga, n’uburumbuke mu mirima, kugira ngo mwoye gusubira kuba igitutsi mu mahanga c’uko muhoramw’ inzara.


Ehe mpagaze mu ruhande rwanyu, ngira mbahindukirire, kandi muzorimwa mubibgeko.


Ni co gituma bazoba nk’igipfungu co mu gatondo‐tondo, kandi nk’urume ruta mu kanya gato, babe nk’ umuguruka utwawe n’agashururu, kandi nk’umwotsi ufumba uva mu ziko.


Isirayeli nzomubera nk’ ikime, na we azoshurika nk’ikirungu, ashōre imizi nk’ibiti vy’i Lebanoni.


Uhoraho yishura abantu biwe, at’ Ehe ngira mbarungikire amasaka na vino n’amavuta ya elayo, maze muzota akabi: kandi sinzosubira kubahindura agatukisha mu mahanga.


Namwe bikōko vyo mw ishamba, nta co mutinya; kuk’ ubgatsi bgo mu bgeranyange bgongeye kumera, n’ibiti bisubiye kwama, n’imisukoni bo n’imizabibu bitengengeye.


Ni mwahora mugendera mu mabgirizwa yanje, mukitondera ivyagezwe vyanje, mukavyumvira;


Amasigarira y’Abisirayeli ntibazokora ivyo kugabitanya, canke ngo bavuge ibinyoma, kandi nta rurimi rw’ubugunge ruzoboneka mu kanwa kabo: bazorisha bagaramange, ata wubateye ubgoba.


Ni co gituma ata n’akame ijuru rikibarekurira, n’isi ikabima ivyimburo vyayo.


Nuko ndabinginze, ni mwitegereze ivyabaye gushitsa uyu musi, gushitsa umusi wa mirongwibiri na kane w’ukwezi kw’icenda, mwitegereze n’ivyabaye uhereye umusi itanguriro ry’urusengero rw’ Uhoraho ryashirwaho.


Mbega har’ imbuto zikiri mu bigega? Mbere n’umuzabibu n’umusukoni n’umukomamanga n’umwelayo ntibikiruha vyama; arik’ uhereye iri zuba nzobaha umugisha.


Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Naho vyobera igikomeye amasigarira y’ubu bgoko azoba akiriho mur’ iyo misi, mbega nanje vyombera igikomeye? ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo abaza.


Nzokankamira ururyi kubganyu, ntirwonone imirima yo mu ndimiro zanyu; kandi n’umuzabibu wo mu ndimiro zanyu ntuzorūmba, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Ariko mubanze mwitwaririke ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyose muzovyongerwa.


Nuko ntihakagire umuntu yirata abantu. Kuko vyose ar’ ivyanyu:


Ukwigisha kwanje kugwe nk’ imvura, Amajambo yanje atonde nk’ ikime, Abe nk’ukw imvura y’akajogotera igwa ku rumerēra, Kandi nk’iy’ akavuvu iy’ igwa ku bgatsi.


Aba Yosefu abavugako, At’ Igihugu ciwe kiragahezagirwa n’Uhoraho, Kironke umuhezagiro w’ibirenze ibindi biva mw ijuru, n’uw’ ikime, N’uw’ amazi aryamye hasi i kuzimu.


Uko ni kw Abisirayeli bahavuye baba amahoro, Iriba rya Yakobo rikībēra ukwaryo Mu gihugu kibamw’ ingano na vino, Ijuru ryaco rigatonyanga ikime.


Kand’ imbuto zo kugororoka zibibga mu mahoro n’ababanguranya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ