Dawidi aramubarira, ati Mpore nta co utinya, kuko ntazobura kukugirira neza kubga so Yonatani, kandi nzogusubiza amatongo yose ya sogokuru Sauli, kand’ uzohora urīra ku meza yanje na ntaryo.
Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Birahāgije, yemwe ba segaba b’Abisirayeli: ni mureke umuryano no kunyaga, ni muce imanza zibereye n’iziroranye; mukūre ku bantu banje akadenderezo mubadendereza, ni k’Umwami Uhoraho agize.
Mbega ntimwari mukwiye kwumva amajambo Uhoraho yavugiye mu bāvugishwa na we ba kera, hamwe Yerusalemu hāri hagitūritse, hakir’ amahoro, bo n’ibisagara vyaho bihakikije, kand’ igihugu c’i bumanuko no mu biyaya na vyo bigitūritse?