Zekariya 7:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)7 Mbega ntimwari mukwiye kwumva amajambo Uhoraho yavugiye mu bāvugishwa na we ba kera, hamwe Yerusalemu hāri hagitūritse, hakir’ amahoro, bo n’ibisagara vyaho bihakikije, kand’ igihugu c’i bumanuko no mu biyaya na vyo bigitūritse? အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Kandi bazoza bavuye mu bisagara vy’i Buyuda, no mu bihugu bikikije i Yerusalemu, no mu gihugu c’Ababenyamini, no mu misozi iciye bugufi, na ruguru mu mugamba, no mu gihugu c’i bumanuko, bazana ibimazi vyo kwoswa n’ivyo gukererwa n’ivyo gushikana, n’imibavu, bazana n’ivy’ ishimwe, babizana mu ngoro yanje jewe Uhoraho.
Abantu bazokwigurira amatongo amahera, bandike ivyete vy’uko baguze, babimatanishe ishashara bayidomemw’ ikimenyetso, bahamagare ivyabona; bizoba birtyo mu gihugu ca Benyamini, n’ahantu hahereranye n’i Yerusalemu, no mu bisagara vy’i Buyuda, no mu bisagara vyo mu mugamba waho, no mu bisagara vyo mu gihugu giciye bugufi, no mu bisagara vy’i bumanuko: kuko nzotuma bahindukira bave mu kinyago, ni jewe Uhoraho mbivuze.