Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 7:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Mbega ntimwari mukwiye kwumva amajambo Uhoraho yavugiye mu bāvugishwa na we ba kera, hamwe Yerusalemu hāri hagitūritse, hakir’ amahoro, bo n’ibisagara vyaho bihakikije, kand’ igihugu c’i bumanuko no mu biyaya na vyo bigitūritse?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 7:7
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mutege amatwi, muze kuri jewe; munyumve, ni ho ubugingo bganyu buzobaho; nanje nzosezerana namwe isezerano ritazoshira, ni ryo mbabazi Dawidi yasezeraniwe zitazovaho.


Ibisagara vy’i bumanuko birugarijwe, nta wugicārūka: Abayuda bajanywe kw inyagano bose, ntihasigara n’uwa kirazira.


Kandi bazoza bavuye mu bisagara vy’i Buyuda, no mu bihugu bikikije i Yerusalemu, no mu gihugu c’Ababenyamini, no mu misozi iciye bugufi, na ruguru mu mugamba, no mu gihugu c’i bumanuko, bazana ibimazi vyo kwoswa n’ivyo gukererwa n’ivyo gushikana, n’imibavu, bazana n’ivy’ ishimwe, babizana mu ngoro yanje jewe Uhoraho.


Navuganye nawe igihe war’ umerewe neza, arik’ uravuga, uti Sinduha ndavyumva. Iyo ni yo ngeso yawe uhereye mu buto bgawe, yo kutanyumvira.


Abantu bazokwigurira amatongo amahera, bandike ivyete vy’uko baguze, babimatanishe ishashara bayidomemw’ ikimenyetso, bahamagare ivyabona; bizoba birtyo mu gihugu ca Benyamini, n’ahantu hahereranye n’i Yerusalemu, no mu bisagara vy’i Buyuda, no mu bisagara vyo mu mugamba waho, no mu bisagara vyo mu gihugu giciye bugufi, no mu bisagara vy’i bumanuko: kuko nzotuma bahindukira bave mu kinyago, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Imikuku izosubira gutaha itonze imirongo mu bisagara vyo mu mugamba waho, no mu bisagara vyo mu bihugu biciye bugufi, no mu bisagara vy’i bumanuko, no mu gihugu ca Benyamini n’ahantu hahereranye n’i Yerusalemu, no mu bisagara vy’i Buyuda, bayiharūre, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Yamara nabatumyekw abasavyi banje bose, ni bo bavugishwa nanje, nama nzindurwa no kubatuma, nti Ntimugakore ico kizira c’ubuyobe nanka urunuka.


arikw ijambo nabageze ryar’ iri: nababgiye, nti Ni mwumvire ijwi ryanje, maze nanje nzoba Imana yanyu, namwe muzoba abantu banje; mugendere mu vyo mbagera vyose, kugira ngo bibagendere neza.


Erega ni mwatunganya ingeso zanyu n’ibikorwa vyanyu, ni mwaca imanza ziri hagati y’umuntu na mugenzi we,


Mbere bīkomantaje imitima imera nk’isare, ngo boye kwumva ivyagezwe n’amajambo Uhoraho Nyen’ ingabo yarungitse muri Mpwemu wiwe, ayavugira mu bavugishwa na we ba kera; ni co catumye uburake buhambaye buva k’Uhoraho Nyen’ ingabo.


Kand’ iyo murya cank’ iyo munywa, mbega si mwebge mwīrīra ubganyu, mukīnywera ubganyu?


Maz’ ijambo ry’Uhoraho riza kuri Zekariya,


Amwereka n’i Negebu, n’ikiyaya co kuri Yorodani, ari ho haca igihogoro c’i Yeriko, igisagara co mu bigazi, gushitsa i Sowari.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ