Barabaza, bati Mbeg’ igituma twisonzesha, nturuhe ubibona, ni ku ki? Igituma twibabaza, nawe ukavyirengagiza, ni ku ki? Erega mbiterwa n’uko ku musi wanyu wo kwisonzesha mupfa kwikorera ivyanyu, mugakoresha nabi abakozi banyu bose.
riti Barira abantu bose bo mu gihugu, bo n’abaherezi, uti Hamwe mwahora mwisonzesha mukaboroga mu kwezi kwa gatanu no mu kw’indwi mur’ iyi myaka yose ukw ari mirongwirindwi, mbega ni jewe ubganje mwagiye mwisonzeshereza?
Mbega ntimwari mukwiye kwumva amajambo Uhoraho yavugiye mu bāvugishwa na we ba kera, hamwe Yerusalemu hāri hagitūritse, hakir’ amahoro, bo n’ibisagara vyaho bihakikije, kand’ igihugu c’i bumanuko no mu biyaya na vyo bigitūritse?