Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 7:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Kand’ iyo murya cank’ iyo munywa, mbega si mwebge mwīrīra ubganyu, mukīnywera ubganyu?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 7:6
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uwo musi bararya baranywa bar’ imbere y’Uhoraho, bafise akanyamuneza kenshi. Maze bongera kwimika Salomo umuhungu wa Dawidi ubugira kabiri, ngw abe umwami, bamurobanuza amavuta imbere y’Uhoraho ngw abe segaba, na Sadoki ngw abe umuherezi.


Ntiwanzaniye imyagazi y’ibimazi vyawe vyo kwosa, kandi ntiwanyubahishije ibimazi vyawe. Sinakugoje kunshikanira amashikanwa, sinakuruhishije imibavu.


Barabaza, bati Mbeg’ igituma twisonzesha, nturuhe ubibona, ni ku ki? Igituma twibabaza, nawe ukavyirengagiza, ni ku ki? Erega mbiterwa n’uko ku musi wanyu wo kwisonzesha mupfa kwikorera ivyanyu, mugakoresha nabi abakozi banyu bose.


Ku vy’ ibimazi banshikanira, batanga inyama z’ibimazi, bakazīrīra; ariko jewe Uhoraho simbākīrira: mbere nzokwibuka ibigabitanyo vyabo, mbahanire ivyaha vyabo; bazosubira muri Egiputa.


Ntibazosukira Uhoraho ibiturire vya vino, kand’ ibimazi vyabo ntibizomuhimbara: ivyo kurya vyabo bizobabera nk’ibiryazagu vy’abagandaye; abazobiryako bose bazoba bahumanye; kukw ivyo kurya vyabo bizoba ivyo kubīmarira ipfa gusa, ntibizokwinjira mu ngoro y’Uhoraho.


riti Barira abantu bose bo mu gihugu, bo n’abaherezi, uti Hamwe mwahora mwisonzesha mukaboroga mu kwezi kwa gatanu no mu kw’indwi mur’ iyi myaka yose ukw ari mirongwirindwi, mbega ni jewe ubganje mwagiye mwisonzeshereza?


Mbega ntimwari mukwiye kwumva amajambo Uhoraho yavugiye mu bāvugishwa na we ba kera, hamwe Yerusalemu hāri hagitūritse, hakir’ amahoro, bo n’ibisagara vyaho bihakikije, kand’ igihugu c’i bumanuko no mu biyaya na vyo bigitūritse?


Nukw iyo murya, canke munywa, canke mukora ikindi kintu cose, mube mukorera vyose gushimisha Imana.


az’ abe ari ho murīra imbere y’Uhoraho Imana yanyu, abe ari ho munezeranwa n’ abo mu ngo zanyu, munezererwa ibikorwa vyose mwakoze, ivyo Uhoraho Imana yanyu yabahēreyemw’ umugisha.


mushike muyagure ico mwumva mugomba cose, ar’ inka, ar’ intama, ari vino, ar’ inzoga, ar’ ikindi kintu cose mwumva mugomba; muheze mubirīre ngaho nyene imbere y’ Uhoraho Imana yanyu, mubisangire n’abo mu ngo zanyu, munezeranwe.


Kand’ ivyo muzokora vyose, mu majambo no mu bikorwa, muhore mubikora vyose mw izina ry’Umwami Yesu, mushima Imana Data wa twese kubg’ uwo.


Arik’ Uhoraho abarira Samweli, ati Nta co urāba ishusho yiwe, cank’ ikirēho ciwe, kuko ntāmushimye; erega jewe sindāba nk’ukw abantu barāba: kukw abantu barāba ku rukoba gusa, ariko jewe Uhoraho ndāba mu mutima.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ