Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 7:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 kandi ngo babonane n’abaherezi bo mu ngoro y’Uhoraho Nyen’ ingabo n’abavugishwa n’Imana, bababaze, bati Mbega dukwiye kwama turira mu kwezi kwa gatanu, twigungiye ukwacu, nk’uko twabigenza mur’ iyo myaka yose ukw ingana?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 7:3
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abubatsi bamaze kwubaka itanguriro ry’urusengero rw’Uhoraho, bashirah’ abaherezi, bambaye impuzu z’ubuherezi nyene, bafise inzumbete, n’Abalewi bo mu ba Asafu, bafise ivyo kuvuza vyitwa matowazi, ngo bahimbaze Uhoraho nk’uko vyagezwe na Dawidi umwami w’Abisirayeli.


igihe co kurira n’igihe co gutwenga; igihe co kuboroga n’igihe co kuvyina;


Abantu banje baranduwe no kutagira ubgenge: wewe ko wataye ubgenge, nuko nanje nzoguta, ntuzoba ukiba umuherezi wanje; ko wibagiye ivyagezwe vyanje, Imana yawe, nanje nzokwibagira abana bawe.


Abaherezi, ari bo basuku b’ Uhoraho, ni baririre hagati y’ikirimba c’inyubakwa n’igicaniro, bavuge, bati Hangaza abantu bawe, ewe Uhoraho, ntutange ishamvu yawe ngw ibe agatukisha, cank’ amahanga ngw ayiganze; n’iki kibavugisha mu mahanga, ngw Imana yabo iri hehe?


rit’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Enda baza abaherezi ku vy’ ivyagezwe,


Maz’ ijambo ry’ Uhoraho Nyen’ ingabo rinzako,


riti Barira abantu bose bo mu gihugu, bo n’abaherezi, uti Hamwe mwahora mwisonzesha mukaboroga mu kwezi kwa gatanu no mu kw’indwi mur’ iyi myaka yose ukw ari mirongwirindwi, mbega ni jewe ubganje mwagiye mwisonzeshereza?


rit’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Ukwisonzesha kwo mu kwezi kwa kane, n’ukwo mu kwa gatanu n’ukwo mu kw’indwi n’ukwo mu kw’icumi, kuzocikira inzu ya Yuda umunezero no guhimbarwa n’imisi mikuru y’akanyamuneza: nuko rero mukunde ukuri n’amahoro.


Kukw akanwa k’umuherezi gakwiye kuzigama ubgenge, kandi mu kanwa kiwe ni ho bakwiye kubariza ivyagezwe: kukw ari we ntumwa y’ Uhoraho Nyen’ ingabo.


Yesu arababaza, at’ Abātowe bobabara bate bakiri kumwe n’umukwe? Har’ imisi izoza umukwe akūrwe muri bo, ni ho bazokwisonzesha.


Ntimukīmane, shiti kumbure musezeranye igihe, kugira ngo mubone uburyo bgo gusenga, kandi mwongere mubane, Satani ntabageragereshe kutirinda kwanyu.


Bazokwigisha aba Yakobo amatēka washinze, Bigishe Abisirayeli ivyagezwe vyawe. Bazokumotereza imibavu, Bakwosereze ibimazi bidasonōye ku gicaniro cawe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ