2 Nukw ab’i Beteli bāri batumye Shareseri na Regemu‐Meleki n’abantu babo, ngo binginge Uhoraho abahangaze,
Maz’ umwami abarira uwo muntu w’ Imana, at’ Inginga Uhoraho Imana yawe ampangaze, unsabire, ukuboko kwanje gukire. Nuk’ uwo muntu w’Imana yinginga Uhoraho, ukuboko kw’umwami kurakira, gusubira kumera uko kwahora.
Abagabo b’i Beteli n’i Hayi n’ amajana abiri na mirongwibiri na batatu.
kugira ngo baze bahore baha Imana Nyen’ ijuru ibimazi vy’umubabge umota neza, kandi bansabire kuramba, jewe umwami n’abahungu banje.
Mose atakambira Uhoraho Imana yiwe, ati Mbeg’ Uhoraho, n’iki gitumye uburake bgawe bururumba ku bantu bawe wakūje mu gihugu ca Egiputa ububasha bginshi n’ukuboko kw’inkomezi?
Imikuku yose y’i Kedari izokoranirizwa kuri wewe, amapfizi y’intama y’i Nebayoti azogukorera; azokwūrira igicaniro canje yemerwe, nzokwubahiriza inzu yanje y’icubahiro.
Mbega Hezekiya umwami w’i Buyuda n’Abayuda bose mugira ngo bāramwishe? Hezekiya ntiyaciye atinya Uhoraho, akamukomera ibobo, Uhoraho na we akīgarura akareka ivyago yari yabageneye? Twogira ico tumugira twoba dukwegeye ubugingo bgacu ivyago bihambaye.
rit’ Uze wākīrire amashikanwa abājanywe kw inyagano, ni bo Heludayi na Tobiya na Yedaya; uwo musi nyene uz’ uje kwa Yosiya mwene Zefaniya, ni ho bazoba bari, bavuye i Babuloni;
kand’ ababa mu gisagara kimwe bazoja mu kindi, bavuge bati Ni muze twihute tuje gusaba Uhoraho umugisha, dusiguze Uhoraho Nyen’ ingabo; natwe turajana.
nuko nca niyumvira, nt’ Abafilisitiya bahava bamanuka ubu nyene i Gilugali bantere, kandi nanje ntaringinga Uhoraho ngw ampangaze; ni kwo gupfa guhāngāra, nosa ikimazi.