Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 7:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 ariko nzobasābagirisha agashururu, baje mu mahanga yose batīgeze kumenya. Uko ni kw igihugu kizosigara ar’ amatongo bakivuyemwo; ntihagire umuntu n’umwe aba akihaca cank’ agisubirayo: kukw igihugu c’igikundiro bāri bagihinduye amatongo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 7:14
35 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kwar’ ukugira ngw ijambo Uhoraho yavugiye mu kanwa ka Yeremiya rishike, igihugu gishumbushwe amasabato yaco; igihe cose camaze kikir’ amatongo, cariko kiziririza amasabato yaco, gushitsa kimaze imyaka mirongwirindwi.


Inkono zanyu zitarumva umuriro w’inkwi z’amahwa, Imana izozikūzah’ agashururu, imbisi n’izifashwe zose.


Amoko azosūma nk’ugusūma kw’amazi menshi: arikw Imana izoyakankamira, na yo azohungira kure, nk’ ibishingwe vyo ku misozi iyo bijanwa n’umuyaga, nk’ifurufumbi y’ umukungugu ir’ imbere y’igihuhuta.


Imbūri yo ku bugaragwa buri ku kiyaga. Nk’ukw agashururu ko mu gihugu c’i bumanuko gasuriranya, ni ko biza bivuye mu bugaragwa, mu gihugu giteye ubgoba.


Naho wahebge, ukankwa, ntihabe hakigira ūhita muri wewe, nzoguhindura ubgiza bginshi butazoshira, ube umunezero uk’ urunganwe rwawe ruzogenda rukurikirana.


Kuk’ Uhoraho azozanana n’ umuriro, kand’ imikogote yiwe izoba imeze nk’agashururu; kugira ngo yīmarishe ishavu uburake bg’inkazi, abahanishe imbeya z’ umuriro.


Abungere benshi bāhanyaguye uruzabibu rwanje, bāsiribanze umugabane wanje, umugabane wanje w’igikundiro bāwuciye ubugaragwa bg’ibitongozi.


Rāba ikirura canje, jewe Uhoraho, ni bgo burake bganje, kirahinze, mbere n’ikirura c’imvugusi: kizorindimukira ku mitwe y’abanyavyaha.


Rāba ikirura c’Uhoraho, ni bgo burake bgiwe, kirahinze, mbere n’ikirura c’inkubebe: kizorindimukira ku mitwe y’abanyavyaha.


Maz’ abo baganwa babarira Baruki, bati Genda winyegeze, mwe na Yeremiya; ntihagire umuntu n’ umwe amenya aho muri.


Ni co catumye ubushangashirwe bganje n’uburake bganje bisukwa bikadomekwa mu bisagara vy’i Buyuda no mu nzira z’i Yerusalemu; none har’ imisaka n’amatongo, nk’uko bir’ uyu musi.


Ehe ngira mbazanire ihanga rivuye kure, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli, ni jewe Uhoraho mbivuze; n’ihanga rihambaye, n’ihanga ryamyeho kera, n’ihanga rivuga ururimi mutazi, mutoshobora no kwumva ico rivuga.


mu mwaka ugira mirongwibiri na gatatu Nebukadineza ari ku ngoma, Nebuzaradani umukuru w’ abashibamyi yajanye ab’ inyagano b’Abayuda abantu amajana ndwi na mirongwine na batanu: abantu bose na bose bār’ ibihumbi bine n’amajana atandatu.


kand’ ubarire abantu bo mu gihugu, ut’ Uku ni k’ Umwami Uhoraho agize ku vy’ abar’ i Yerusalemu no mu gihugu c’i Bgisirayeli, ati Bazorya ivyo kurya vyabo bahagaritse imitima, banywe amazi yabo bumiwe, kukw igihugu kizohinduka imisaka, ivyaho bigasahurwa vyose, bazize umuryano w’abakibamwo bose.


Nzogushwiragiriza mu mahanga, ngusābagirize mu bihugu; kandi nzokumaramw’ ubuhumane bgawe.


Ni co gituma ba se b’abana bazobarīra hagati muri wewe, n’ abana bazorya ba se; kandi nzocira amateka muri wewe, n’amasigarira yawe yose nzoyashwiragiriza mu birēre vyose.


Kuri rimwe mur’ ayo, hashamika agahembe gatoya, karakura, kaba rinini cane, ryerekera i bumanuko n’i burasirazuba no mu gihugu c’ubgiza.


Imana yanje izobata kure, kuko batayumviye; kandi bazoba inyererezi mu mahanga.


Umuriro ugenda urayigiza imbere yabo, kand’ inyuma yabo hasigara harāka ibirimi vyawo: imbere yabo igihugu kimeze nka rya tongo ryo muri Edeni, na ho inyuma yabo hasigara ar’ ubugaragwa bg’ibitongozi; eka nta wuzobakira.


Kandi nzobatērēra ibikōko vyo mw ishamba, bitware abana banyu, biyigize amasho yanyu n’imikuku yanyu, bibatūvye, inzira zanyu zisibe.


Namwe nzobashwiragiriza mu mahanga, nsokōre inkota, mbirukane; igihugu canyu kizosigara gitamāriwe, n’ibisagara vyanyu bicike imisaka.


Nuko nzokwanda umuriro uruzitiro rw’i Raba, utongore ingoro zaho, har’ akāyaga ku musi w’intambara, bo n’ikirura ku musi w’agashururu.


Uhoraho ateba kuraka, kand’ afise ububasha bginshi, ntatsindanishiriza na gatoya abo gutsindwa; inzira y’Uhoraho ica mu gashururu no mu kirura, kand’ ibicu ni wo mukungugu utumurwa n’ibirenge vyiwe.


Wasogotesheje umugabisha w’ ingabo ziwe ibimīto vyawe; Baje kudushwiragiza bameze nk’agashururu; Umengo vyarabahimbara kuyongobeza umugorwa mu mpisho.


Naranduye amahanga, iminara yabo isigaye ar’ imisaka; nashibije inzira zabo, bituma ata wukihahita; ibisagara vyabo birasanganguwe, bituma hatakibonekay’ umuntu, kand’ ata wukihaba na mba.


Yemwe! Yemwe! Ni muhunge muve mu gihugu c’i burārūko, ni k’Uhoraho agize; kuko nk’ukw ibirēre bine vy’ijuru vyītangūranye, ari ko nabasābagije, ni k’Uhoraho agize.


Ijambo ry’Uhoraho Nyen’ ingabo rinzako,


Kand’ Uhoraho azoserukira hejuru yabo, umwampi wiwe wirase nk’umuravyo, kand’ Umwami Uhoraho azovuza inzamba, aje mu gihuhuta c’i bumanuko.


Imirima yo mu ndimiro zanyu, n’ivyo mwakoze vyose, bizoribga n’ihanga mutazi; muzokwama muhahazwa mucuranguzwa na ntaryo,


Uhoraho azobagomorera ihanga rya kure, ribatere, arikūye ku mpera y’isi, rize nk’ukw inkukuma yirasa, ihanga mutazomenya ururimi rwaryo,


Kand’ Uhoraho azobashwiragiriza mu mahanga yose, uhereye ku mpera y’isi ugashitsa ku yindi; kandi muzosabiray’ izindi mana z’ibiti n’iz’amabuye, mutigeze kumenya, ari mwebge canke ba sogokuruza banyu.


Kand’ Uhoraho azobasābagiriza mu mahanga, kandi muzosigara mur’ inkehwa mur’ ayo mahanga, iyo Uhoraho azoba yarabajanye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ