Zekariya 7:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)13 Kandi nk’uko nahamagaye bakica amatwi, ni ko na bo bazohamagara nanje nkica amatwi, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize; အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Mbeg’ aho naza, n’iki catumye ntagira uwo ndahasanga, ngahamagara, ntihagire uwitaba? Mbeg’ ukuboko kwanje kwabaye kugufi ngo kunanirwe gucungura? Canke se nta bubasha mfise bgo kurokora? Ereg’ iyo nkankamiye ikiyaga ndagikamya, inzūzi ndazihindura ubugaragwa; amafi yari muri zo aranuka, kukw ata mazi ariho, yatikijwe n’inyota.