Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 7:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Mbere bīkomantaje imitima imera nk’isare, ngo boye kwumva ivyagezwe n’amajambo Uhoraho Nyen’ ingabo yarungitse muri Mpwemu wiwe, ayavugira mu bavugishwa na we ba kera; ni co catumye uburake buhambaye buva k’Uhoraho Nyen’ ingabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 7:12
34 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Na we agarariza umwami Nebukadineza, kandi yari yaramurahije Imana; nukw agamika izosi, yikomantaza umutima, ntiyahindukirira Uhoraho Imana y’Abisirayeli.


Ariko bagashinyagurira izo ntumwa z’Imana, bagakēngēra amajambo yayo, bagatwenga abo yavugisha, gushitsa ah’uburake bg’Uhoraho bgabaye ku bantu biwe, butagishobora kugarurwa.


N’inyabgenge mu mutima, n’inyabushobozi mu nkomezi: Ni nde yayikomantajek’ umutima, akaroranirwa?


K’ur’ inyankaguhanwa, Ugashiburira amajambo yanje inyuma yawe!


Umutima wa Farawo urakomantara, ntiyabumvira, nk’uk’ Uhoraho yari yaravuze.


Ni munyumve, yemwe ab’ imitima ikomantaye, abari kure y’ukugororoka:


Nari nzi k’udakūrwa kw ijambo, kandi kw izosi ryawe ari nk’umutsi umeze nk’icuma, n’uruhanga rwawe ari nk’umuringa:


Wame ukomantaza umutima w’ubgo bgoko, uhindure amatwi yabo bihurugutwi, uhume amaso yabo; kugira ngo ntibarābīshe amaso, ntibumvishe amatwi, ntibatahurishe imitima, ngo bahindukire bakire.


nanje nzobashirirah’ inkota, mwese muzokwunamira kwicwa: kukw igihe nahamagara mutitavye, n’igihe navuga mutumvise; ariko mugakora ivyo mbona kw ari bibi, mukitoraniriza ibitannezera.


Icaha ca Yuda candikishijwe ikaramu y’icuma, n’ akabuye gasongoye kitwa alimasi: canditswe ku bisate, ari vyo mitima yabo, canditswe no ku mahembe y’ibicaniro vyabo;


yamara bo ntibānyumvira, canke ngo batege amatwi, ariko bāgamika amazosi ngo boye kwumva, canke ngo bemere kwigishwa.


Mbega Hezekiya umwami w’i Buyuda n’Abayuda bose mugira ngo bāramwishe? Hezekiya ntiyaciye atinya Uhoraho, akamukomera ibobo, Uhoraho na we akīgarura akareka ivyago yari yabageneye? Twogira ico tumugira twoba dukwegeye ubugingo bgacu ivyago bihambaye.


non’ uyu musi ndabibabariye, ariko mwebge ntimwumviye Uhoraho Imana yanyu mu kintu na kimwe mu vyo yabantumyeko.


Mbeg’ Uhoraho, inyonga zawe ntizitegereza ivy’ ukuri? Warabakubise, ntibābibabara; warabatūbije, banka guhaha: bākomantaje mu maso habo gusumvya ibuye; banse kugaruka.


Nuko rero, uku ni ko mbivuze, jewe Umwami Uhoraho, nt’ Eh’ uburake bganje n’ubushangashirwe bganje bizosukwa aha hantu, uhereye ku bantu no ku bitungwa no ku biti vyo ku misozi no ku bimera vyo mu mirima; buzotongora, nta kizobuzimya.


Nanje nzobaha umutima umwe, mbashiremw’ impwemu nsha; nzokūra umutima ukomeye nk’ibuye mu mibiri yabo, mbahe umutima woroshe nk’inyama;


kugira ngw ab’inzu ya Isirayeli mbafatane ibiri mu mitima yabo, kuko bose twahubanywe kubg’ ibigirwamana vyabo.


N’abana b’inshinyaguza b’imitima ikomantaye: abo ni bo ngutumyeko. Uz’ ubabarire, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize.


Kandi nzobaha umutima musha, mbashiremw’ impwemu nsha; nzokūra umutima ukomeye nk’ibuye mu mibiri yanyu, mbahe umutima woroshe nk’ inyama.


rit’ Uhoraho yarakiye cane ba sogokuruza banyu.


Mbega ntimwari mukwiye kwumva amajambo Uhoraho yavugiye mu bāvugishwa na we ba kera, hamwe Yerusalemu hāri hagitūritse, hakir’ amahoro, bo n’ibisagara vyaho bihakikije, kand’ igihugu c’i bumanuko no mu biyaya na vyo bigitūritse?


Kuk’ umutima w’ubu bgoko ucuramye, Amatwi yabo akaba ari bihurugutwi, Amaso yabo bakayahumiriza: Ngo ntibarābishe amaso, Ntibumvishe amatwi, Ntibatahurishe imitima, Ngo bahindukire, Mbakize.


ngo kurāba barābe, yamara ntibavyitegereze; kwumva bavyumve, yamara ntibabitahure; ngo kumbure bohindukira bagaharirwa.


Abo i ruhande y’inzira n’abaryumvise, maz’ Umurwanizi yaza, agakūra iryo jambo mu mitima yabo, kugira ngo ntibizere ngo bakizwe.


Kuk’ umutima w’ubu bgoko ucuramye, Amatwi yabo akaba ari bihurugutwi, Amaso yabo bakayahumiriza: Ngo ntibarābishe amaso, Ntibumvishe amatwi, Ntibatahurishe imitima, Ngo bahindukire, Mbakize.


kukw ata jambo ry’abāvugishwa n’Imana ryazanywe no kugomba kw’umuntu, arikw abantu bāvuga ivyava ku Mana, barōngōwe na Mpwemu Yera.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ