10 Kandi mureke kurya abapfakazi n’impfuvyi n’ingenzi na ba nyarucari; ntihagire n’umwe muri mwebge yīgīra imigabo mu mutima wiwe yo kugirira nabi mugenzi we.
Muri wewe bābīra ingurire yo kuvisha amaraso; waka ay’ inyungu ku ngurāne, ukāka n’ ibirenzeko, uronka inyungu kuri bagenzi bawe ku gahotoro, ariko jewe waranyibagiye; ni k’Umwami Uhoraho agize.
Ni mwumve iri jambo, yemwe mwa mahogazi y’i Bashani, muba ku musozi Samariya, yemwe abahahaza abagorwa, mukavungavunga abakene, mukabarira abanega banyu, muti Ni muzane tunywe!