8 Maz’ arampamagara, arambarira, ati Rāba, ariya agiye mu gihugu c’i burārūko yaruhuye umutima wanje ku vy’ico gihugu c’i burārūko.
Uburake bg’ūganza ni bgakugurumanira, ntutirimuke ah’ uri; kuko kwiyorosha gutesha ibicumuro bikomeye.
Ni co gituma Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo, Inyenkomezi y’Abisirayeli, avuga, at’ Erega nzotururuzwa n’ukwīhōra abarwanizi banje, kand’ abansi banje nzobasubiriza mu nkōko!
Mwese ni mukorane mwumve. Ni nde wo muri bo yigeze kuvuga ivyo? Uwo jewe Uhoraho nkunda azogirira Babuloni uko ngomba, kand’ ukuboko kwiwe kuzotera Abakaludaya.
Uko ni ko nzoba ntuye ubushangashirwe ngufitiye, n’ifuhe ryanje nkugirira rizoba rikuvuyeko; nanje kizoba giciye, nzoba ntakiratse.
kugira ng’ ubone kwibuka, utētērwe, ntukūreko n’umunwa, kubg’ isoni uzoba ufise, ni naheza kuguharira ivyo wakoze vyose, ni k’Umwami Uhoraho agize.
Mu myanda yawe harimw’ ubushakanyi; kuko nagutunganije, ntutungane, nta ho uzokwongera gutunganywa ng’uvekw imyanda yawe, gushitsa aho nzoba nkwimazekw ishavu ryanje.
Uko ni ko nzoba nimaze ishavu, n’ubushangashirwe nabagiriye nzoba ndabutuye, kandi nzoba nshizwe: nuko bazomenya yuko jewe, Uhoraho, nabivuganye agatsi, ni naheza kwimara uburake mbafitiye.
Kandi nshavuriye cane amahanga yidibamiye, kuko Yerusalemu nari mpashavuriye buhoro, maze bo bakahasonga.
Maze Samusoni arababarira, ati Ko mukoze murtyo, sinzogenda ntabīhōye! Ariko ni naheza kubīhōra nzorekeraho.
Erega ni mwebge Imana yahaye abo baganwa b’Abamidiyani, Orebu na Zebu, ibagabura mu maboko yanyu: none har’ ico nashoboye gukora gihwanye n’ico mwakoze? Avuze ivyo, uburake bari bamufitiye burahwama.