Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 6:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Umumarayika aranyishura, at’ Ivyo n’imiyaga ine yo mw ijuru, ivuye gushengerera Nyen’ isi yose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 6:5
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aramwishura, ati Sohoka uhagarare hanze ku musozi imbere yanje, jewe Uhoraho. Ako kanya Uhoraho arahaca, maze haza umuyaga mwinshi w’igihuhuta usatagura imisozi, umenagura ibitandara imbere y’Uhoraho; arik’ Uhoraho ntiyari mur’ uyo muyaga. Umuyaga uciye, habaho gutigita kw’isi; arik’ Uhoraho ntiyari mur’ ukwo gutigita.


Mikaya arongera, ati None rero ni wumve ijambo ry’Uhoraho: mbonye Uhoraho avyagiye ku ntebe yiwe, ingabo zose zo mw ijuru zimuhagaze i buryo n’i bumoso.


Umusi ur’ izina abana b’Imana baje bashengereye Uhoraho, kandi na Satani yazananye na bo.


Namwe muriro n’urubura na shelegi n’igipfungu; Nawe muyaga w’igihuhuta, ushitsa ijambo ryiwe;


Imikogote y’Imana n’ibihumbi cumi, ibihumi cumi, Mbere n’ibihumbi n’ibihumbi: Umwami Imana ari hagati yayo; Sinayi ur’ ahēra ho mu rusengero.


Kuko jewe Umuremyi wawe ari jewe mugabo wawe; Uhoraho Nyen’ ingabo ni ryo zina ryanje; Uwera w’Abisirayeli ni jewe Mucunguzi wawe; nzokwitwa Imana y’isi yose.


Kandi nzohuruza kuri Elamu imiyaga ine iturutse ku mpande zine z’ijuru, mbashwiragirize mur’ ivyo birēre vyose; abirukanywe b’i Elamu nta hanga batazoshikamwo.


Maze ba bakerubi baterura amababa yabo, na ya makurudumu yar’ i ruhande yabo; kand’ ubgiza bg’Imana y’Abisirayeli bgari hejuru yabo.


Maz’ arambarira, ati Vugira ku muyaga, vuga, mwana w’umuntu, ubarire umuyaga, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Ngwino muve ku miyaga ine, mwa mpwemu, muhumekere kur’ abo bishwe, babe bazima.


Ni yamara guhaguruka, ubgami bgiwe buzosatagurwa, bugabanywemwo bune nk’uko butumbereye ibirēre bine vy’ijuru, kandi ntibuzosubirwamwo n’uruvyaro rwiwe, canke ngo buganzishwe ububasha nk’uko yabuganzisha; kuk’ ubgami bgiwe buzoshingurwa, buhabge abandi atari mur’ abo.


Uruzi rw’ umuriro rwiburuka ruva imbere yiwe; ibihumbi n’ibihumbi baramukorera, kand’ amasinzi n’amasinzi bari bahagaze imbere yiwe. Imanza zirashingwa, ibitabo birazingururwa.


Nuko Daniyeli aravuga, ati Mu vyo neretswe mw ijoro, nagize ntya, mbona imiyaga ine yo mu kirēre isenyeranira ku kiyaga kinini.


Mbega har’ uwogaya ibikir’ umugero ku musi w’intangamarāra? Bazonezerwa babonye karisho mu ntoke za Zerubabeli. Ya yandi ndwi ni zo nyonga z’Uhoraho, zinyuranganya mw isi yose hirya no hino.


Arambarira, at’ Arya ni bamwe babiri bārobanujwe amavuta, bama bahagaze hafi ya Nyen’ isi yose.


Nuko nongera kwunamura amaso, mbona imikogote ine iturutse hagati y’imisozi ibiri; kand’ iyo misozi yar’ imiringa.


Mwirinde ntimukēngēre n’umwe mur’ aba bana bato: ndababgira yuko mw ijuru abamarayika babo bama barāba mu nyonga ha Data wo mw ijuru. [


Azotuma abamarayika biwe n’ijwi rirenga ry’inzamba, bakoranye abatoranijwe biwe, bave mu birēre bine, guhēra iy’ ijuru ritangurira kugeza iyo riherera.


Umumarayika aramwishura, ati Ndi Gaburiyeli, nama mpagaze mu nyonga z’Imana, kandi natumwe kubonana nawe no kukubgira ubgo butumwa bgiza.


Mbeg’ abamarayika bose s’impwemu ziyikorera, zitumwa gukora igikorwa kubg’ abazoragwa agakiza?


Kand’ ivy’ abamarayika yarabivuze, it’ Ihindura abamarayika bayo imiyaga, Abasavyi bayo ibahindura imbeya z’umuriro.


Ehe rāba, isandugu y’isezerano ry’Uhoraho Nyen’ isi yose igira ibītangire imbere mu kuja muri Yorodani.


Hanyuma y’ivyo, mbona abamarayika bane bahagaze ku mfuruka zine z’isi, bafashe imiyaga ine yo kw isi, kugira ngo ntihagire umuyaga uhūha kw isi canke ku kiyaga canke ku giti cose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ