Iy’ itanze impore, ni nde yoyitsindisha? Iy’ itwikiriye mu nyonga hayo, ni nde yoshobora kuyibona? Ukw izigama ihanga ryose, ni kw izigama n’umuntu umwe;
Kandi nk’uko ryakondotse, mu kibanza caryo hakamera ayandi ane, uko ni ko hazoba ubgami bune bukomoka mur’ ubgo bgoko, ariko ntibuzonganya ububasha n’ ubg’ uwa mbere.
Ni we akūra umugorwa mu mukungugu, Agashira hejuru umukene, amukūye mu mwavu, Kugira ngw abicarikane n’ abahambaye, Baragwe intebe z’icubahiro: Kukw inkingi z’isi ar’ iz’ Uhoraho, Kandi ni zo yayiteretseko.