Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 5:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Maze ngize ntya, mbona umupfundikizo wacuzwe mw isāsu upfundururwa, mbona umugore yicaye muri efa imbere.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 5:7
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Imbūri yo kuri Babuloni, iyo Yesaya mwene Amosi yeretswe.


Imbūri yo kuri Mowabu: kuko mw ijoro rimwe ahitwa Ari‐Mowabu hageseye, hakomvomvowe; kuko mw ijoro rimwe ahitwa Kiri‐Mowabu hageseye, hakomvomvowe!


Amazi yo mu kidengeri ca kera muyacira urugomero hagati y’inzitiro zompi: ariko ntimwasubiza ijisho ku wari yarakoze ivyo, kandi ntimwashira umutima ku wabiremye kera cane.


Maze wa wundi yar’ ahagaze hagati y’imihadasi aravuga, at’ Abo n’abo Uhoraho yatumye kugendagenda mw isi yose.


Ndabaza, nti Mbega n’igiki? Arambarira, ati Kirya n’ingero yitwa efa ije. Kand’ at’ Ivyo ni vyo bigabitanyo vyabo mu gihugu cose.


At’ Uyu ni we Bugarariji; maz’ amunyikiriza muri efa imbere, akubitirako ca cuma c’isāsu ku munwa wayo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ