Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 5:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Maz’ umumarayika twavugana yīgira imbere, arambarira, at’ Unamura amaso, urābe kirya kije ic’ ari co.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 5:5
6 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ arambarira, ati Mwana w’umuntu, enda ni wunamure amaso yawe urābe ahahera i burārūko. Nuko nunamura amaso, ndāba ahahera i burārūko, mbona ca gishushanyo c’ikēba kiri mw irasukiro ry’ikirimba c’igicaniro, ku ruhande rw’i burārūko rwaco.


Nuk’ umumarayika twavugana arambarira, ati Semerera uvuge, ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Mfūhiye i Yerusalemu n’i Siyoni ifūhe ryinshi.


Mbaza umumarayika twavugana, nt’ Ivyo n’ibiki? Aranyishura, at’ Ayo ni yo mahembe yasābagije Abayuda n’Abisirayeli n’ab’i Yerusalemu.


Maze ndabaza, nti Mugenzi, ibi n’ibiki? Umumarayika twavugana aranyishura, ati Ndakubarira ivy’ ari vyo.


Maz’ umumarayika twavugana yīgira imbere, umumarayika wundi aza kumusanganira:


Maz’ umumarayika twavugana arambaza, ati Mbeg’ ivyo ntuzi uko bisobanurwa? Ndamwishura, nt’ Oyaye mugenzi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ