Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 5:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Ndawurekuye, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, winjire mu nzu y’umusuma no mu nzu y’ūrahira izina ryanje ibinyoma; uzoguma hagati mu nzu y’ūmeze artyo, uyitikizanye n’ibiti n’amabuye biyubatse.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 5:4
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abatar’ abiwe bazokwinjira urugo rwiwe; Amazuku azosukwa ahantu yahora aba.


Umwiza wose ni wo azobīkirwa ku butunzi: Umuriro utākijwe n’umuntu uzomutongora, Uherengeteze ibizoba bisigaye mu rugo rwiwe.


Yokwegamira inzu yiwe, ariko na yo ntiyohagarara: Yoyibangiriza, ntigumeho.


Abakwanka bazokwambikwa isoni, Kand’ ihema ry’inkozi z’ibibi ntirizoba rikibaho ukundi.


Umuvumo w’Uhoraho uri mu nzu y’abanyavyaha, Arikw ahezagira ingo z’abagororotsi.


Ni co catumye umuvumo utongora isi, kand’ abayibamwo ni vyo bahōwe: ni co catumye ababa mw isi baturirwa, hagasigara abantu b’imparūrwa.


Nk’ukw igisuma kimāramāra iyo gifashwe, ni ko n’ab’ inzu ya Isirayeli bazomāramāra, bo n’abami babo n’abaganwa babo n’abaherezi babo na ba kamenyi babo;


Nta kindi kiriho, atar’ ukurahira n’ukubesha n’ukwica n’ukwiba n’ugusambana, no kumena amazu, n’ amaraso ahōrwa ayandi.


Ni co gituma igihugu kirira, abakibamwo bagahondobera, bo n’ibikōko vyo mw ishamba n’ibisīga vyo mu kirēre; mbere n’amafi yo mu kiyaga na yo agakamangana.


Kuko batazi gukora ibitunganye, ni k’Uhoraho agize, birundaniriza umuryano n’ubgambuzi mu ngoro zabo.


Arambarira, at’ Uwo n’umuvumo urekuwe ng’ ukwire isi yose: igihe uwiba wese yīrāye kirahāgije, kandi n’igihe ūrahira wese yīrāye kirahāgije.


ntihakagire n’umwe muri mwebge yīgīra imigabo mu mutima wiwe yo kugirira nabi mugenzi we: kukw ivyo vyose ari vyo nanka, ni k’Uhoraho agize.


Kandi nzobēgēra nce amateka; nzokwihutira kwagiriza abarozi, n’abasambanyi, n’abarahira ibinyoma, n’ abagunga umucangero ingero yiwe, n’abanyikiza umupfakazi n’impfuvyi, bakagirira nabi inyambukīra, nanje ntibanyubahe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Muzogira umuvumo mu gisagara, muzogira umuvumo mu ndimiro.


ntimuze mujane ico kintu c’ubuyobe mu ngo zanyu, mwoye kuzohava muhinduka umuvumo nka co; muze mucanke urunuka, mukizinukwe rwose, kukw ar’ ikintu cāvumwe.


Enda tubagire durtya: tubareke bībēreho, twoye kwihamagarira uburake kubga ya ndahiro twabarahiye:


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ