11 Aranyishura, ati Bagiye kumwubakira inzu mu gihugu c’i Shinari; ni yuzura, azoshirwa iyo, ahantu hiwe.
Ubgami bgiwe bga mbere bgagarukira i Babeli no muri Ereki no muri Akadi n’i Kalune, mu gihugu c’i Shinari.
Nuko bariko baragenda berekeye i burasirazuba, babona ikiyaya mu gihugu c’i Shinari; bagerēraho.
Mu gihe ca Amurafeli umwami w’i Shinari, na Ariyoki umwami w’i Elasari, na Kedolawoma umwami w’i Elamu, na Tidali umwami w’i Goyimu,
Kandi kur’ uwo musi Umwami Imana azotuma ukuboko ubugira kabiri, kugarukana amasigarira y’abantu biwe, abazoba bagisigaye, abakūre muri Ashuri no muri Egiputa n’i Patirosi n’i Kushi no muri Elamu n’i Shinari n’i Hamati no mu bizinga vyo mu kiyaga.
Kw adutumakw amajambo i Babuloni, avuga, ngo Turacasigaje igihe kirekire tur’ inyagano: ngo Ni twiyubakire amazu, tuyabemwo; ngo Ni twirimire amatongo turye ibiyezemwo.
Umwami Imana agabura Yehoyakimu umwami w’Abayuda mu maboko yiwe, bo n’ibintu vy’imbombovu bimwe vyo mu ngoro y’Imana, abijana mu gihugu c’i Shinari mu nzu y’imana yiwe; ashira ivyo bintu mu nzu y’ ububiko bg’iyo mana.
Kukw Abisirayeli bazomara imisi myinshi ata mwami, ata n’ūganza, ata n’ikimazi batanga, ata n’inkingi y’ikigirwamana, ata n’umwambaro witwa efodi cank’ ibigirwamana vyitwa terafimu:
Mbaza umumarayika twavugana, nt’ Irya efa bariya bayijanye hehe?
Bazokwicwa n’ubugi bg’inkota, bazojanwa mu mahanga yose ar’inyagano: kand’ i Yerusalemu hazosiribangwa n’abanyamahanga, kugeza ah’ ibihe vy’abanyamahanga bizoshirira.
Uhoraho azobatērēra ivyago vy’igitangaza, mwe n’ uruvyaro rwanyu; bizoba ivyago bikomeye, vy’igihe kirekire, n’ indwara zikomeye z’igihe kirekire.