Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 4:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 rit’ Amaboko ya Zerubabeli ni yo yashizeh’ itanguriro ry’iyi nzu, kand’ amaboko yiwe ni yo azoyisōzēra; ni ho muzomenya yuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo ari we yabantumyeko.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 4:9
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko bukeye uwo Sheshibazari araza, yubaka itanguriro ry’iyo nzu y’Imana i Yerusalemu nyene. Nuko rer’ uhereye ico gihe ugashitsa n’ubu iracubakwa, kandi ntiruzura.


Ni mwīgire hafi mwumve ibi: uhereye mw itanguriro nta ho navugiye mu mpisho; uhereye aho vyabereyeho, nariho: kandi non’ Uhoraho Imana antumanye na Mpwemu wiwe.


Nuko ndabinginze, ni mwitegereze ivyabaye gushitsa uyu musi, gushitsa umusi wa mirongwibiri na kane w’ukwezi kw’icenda, mwitegereze n’ivyabaye uhereye umusi itanguriro ry’urusengero rw’ Uhoraho ryashirwaho.


Ni co gituma Uhoraho avuga, ati Ngarukiye Yerusalemu nzanye imbabazi; ingoro yanje izohubakwa, ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize: i Yerusalemu hazogereshwa umugozi.


Kur’ uwo musi amahanga menshi azokwifatanya n’ Uhoraho, bacike abantu banje; nanje nzogerēra hagati muri wewe, nawe uzomenya yuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo yakuntumyeko.


Ni muhwekerere imbere y’ Uhoraho, yemwe abafise umubiri mwese, kukw avyukurutse i we, ahēra hiwe.


Kand’ abazoba bari kure bazoza bubake urusengero rw’Uhoraho; ni ho muzomenya yuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo ari we yabantumyeko. Ivyo bizoshika ni mwagira umwete wo kwumvira ijwi ry’Uhoraho Imana yanyu.


Nanje ndakubgira yuk’ uri Petero, kandi kur’ urwo rutare nzorwubakakw ishengero ryanje, kand’ amarembo y’i kuzimu ntazorishobora.


kugira ngo bose babe umwe, nk’uko wewe, Data, uri muri jewe, nanje nkaba muri wewe, ngo na bo abe ari ko baba muri twebge, ngw isi yizere kw ari wewe wantumye.


Kukw Imana itātumye Umwana wayo gucira abari mw isi urubanza, ariko ngw abari mw isi bakizwe na we.


dutumbereye Yesu wenyene, ni we nyanduruko yo kwizera kandi ni we yagusozereye; uwo, kubg’ umunezero yashizwe imbere, yihanganiye umusaraba, ntiyagira ikindi isoni zawo, avyagira i buryo bg’intebe y’Imana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ