9 rit’ Amaboko ya Zerubabeli ni yo yashizeh’ itanguriro ry’iyi nzu, kand’ amaboko yiwe ni yo azoyisōzēra; ni ho muzomenya yuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo ari we yabantumyeko.
Ni mwīgire hafi mwumve ibi: uhereye mw itanguriro nta ho navugiye mu mpisho; uhereye aho vyabereyeho, nariho: kandi non’ Uhoraho Imana antumanye na Mpwemu wiwe.
Ni co gituma Uhoraho avuga, ati Ngarukiye Yerusalemu nzanye imbabazi; ingoro yanje izohubakwa, ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize: i Yerusalemu hazogereshwa umugozi.
Kand’ abazoba bari kure bazoza bubake urusengero rw’Uhoraho; ni ho muzomenya yuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo ari we yabantumyeko. Ivyo bizoshika ni mwagira umwete wo kwumvira ijwi ry’Uhoraho Imana yanyu.
kugira ngo bose babe umwe, nk’uko wewe, Data, uri muri jewe, nanje nkaba muri wewe, ngo na bo abe ari ko baba muri twebge, ngw isi yizere kw ari wewe wantumye.
dutumbereye Yesu wenyene, ni we nyanduruko yo kwizera kandi ni we yagusozereye; uwo, kubg’ umunezero yashizwe imbere, yihanganiye umusaraba, ntiyagira ikindi isoni zawo, avyagira i buryo bg’intebe y’Imana.